
|
|
|
|

|
VII
ème Semaine d’information et de réflexion sur le Génocide. "Le
parachèvement du génocide des Tutsi et le rôle de la jeunesse dans le
stoppage de ce génocide ("IHERAHEZWA RY’IHONYABWOKO BW’ABATUTSI N’ICO URWARUKA RWOKORA KUGIRANGO RIHAGARARE")
|
Conférence animée par Raphaël HORUMPENDE à l’occasion de la 4ème journée d’Information et de Réflexion sur le Génocide
Bujumbura,
le 24/10/2001.
INTANGAMARARA
Kuva mu 1959, igihe haba ihonyabwoko
ry’abatutsi b’irwanda ryari ryaringanijwe n’intagondwa z’abahutu b’ i
RWANDA gushika uno munsi, nta kintu na kimwe gishoboka kitagizwe
n’abo bahutu b’IRWANDA kugirango ivyabaye i RWANDA bishoboka kuba no mu
BURUNDI. Inyigisho zerekeye guhonya abatutsi b’i BURUNDI zatanguye gutangwa ku
bahutu b’i BURUNDI na Prezida Grégoire
KAYIBANDA. Amaze gukurwa ku butegetsi mu 1973, izo nyigisho ziciye zibandanya
zitangwa n’Umusubirizi wiwe Juvénal HAVYARIMANA gushika ku munsi Imana
yamudukiza kw’itarike 6/04/1994.
Intagondwa z’abahutu b’i BURUNDI ,
zimaze ku nyugwa n’inyigisho mponyabatutsi zaciye zitangura kugerageza gushira
mu ngiro uwo mugambi. N’uko ihonyabatutsi rya mbere rica riratangura.
Iryo naryo ryakozwe mu 1965. Muri ico gihe intwaramiheto z’UBURUNDI
zarahabereye abagabo, zirashobora guhagarika iryo honyabwoko mu mwanya muto.
Ariko inganda zari zagandaguritse. Abariho muri ico gihe baribuka abatutsi
bagandaguwe n’intagondwa z’abahutu mu BUKEYE , i BUSANGANA no kuyindi misozi
imw-imwe yo mu ntara ya MURAMVYA. Ariko
izo ntagondwa ntizashizwe . Zarabandanije inyigisho z’amacakubiri, zo
kwankanisha abahutu n’abatutsi kugirango bategure irindi honyabatutsi. Niho
kw’igenekerezo rya 29/04/1972 , izo ntagondwa zasubira guhekura abarundi
mu gutikiza abatutsi mu CIBITOKE , muri BUJUMBURA
rurale no mu bumanuko bw’igihugu na cane cane muri za
KANYOSHA, KABEZI ,MUTUMBA , MAGARA, MINAGO, RUMONGE, VYANDA , BURURI,
NYANZA –LAC,MABANDA, KAYOGORO na BUKEMBA
No
muri ico gihe, kuberako igihugu cari gifise ikigitwara, intwaramiheto zarivunye
abo bamenja, ihonyabwoko ribona guhagarara.
Ariko intagondwa z’abahutu b’i
RWANDA ntizashizwe. Zarabandanije kwigisha abahutu b’i BURUNDI inyigisho
z’ihonyabwoko, zirabigisha uburyo bwose bwo kurishira mu ngiro , zirabafasha
gushinga imigambwe y’intagondwa nka « UBU » « BAMPERE »
« PALIPEHUTU na FRODEBU zongera
ziranabaha uburyo bwo guhonya abatutsi. Niho kw’italiki 15/08/1988, intagondwa
z’abahutu zihurikiriye muri PALIPEHUTU zatera mu makomine b’i NTEGA na
MARANGARA ari mu buraruko bw’igihugu cacu. Abo bicanyi baje gutikiza abatutsi
i NTEGA na MARANGARA bavuye mu gihugu c’i RWANDA . Mu minsi itarenga ibiri,
barishe abatutsi barenga ibihumbi bitanu ( 5000 ) . Ariko naho nyene,
intwaramiheto z’uburundi zarashoboye kubahagarika batarashwara igihugu cose.
Ariko umugambi w’izo ntagondwa z’abahutu warabandanije . Mbere inyaka itatu
iheze hanyuma y’ihonyabwoko bw’abatutsi bo muri NTEGA na MARANGARA, izo
nkorabara zaciye zitera imbere mu bikoresho
zakoresha mu guhonya abatutsi. Niho kw’igenekerezo rya 23/11/1991, abo
ba PALIPEHUTU batera mu gisagara ca
BUJUMBURA no mu ntara za BUBANZA na CIBITOKE bitwaje inkoho. Ico gihe barishe
abatutsi batiri bake. Ariko kuberako batari bwaronke inkoho zikwiye,
intwaramiheto z’UBURUNDI zarashoboye kubahagarika bitazigoye. Ariko nahonyene
izo ntagondwa ntizishizwe. Zaciye zibandanya zitegura ihonyabwoko bw’abatutsi. Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu 1992, imigambwe myinshi ica iremererwa gukorera ku mugaragaro FRODEBU ica
iravuka, kandi itangura gukorana na
PALIPEHUTU. Baca batangura gukorera
ku mugaragaro. Barigisha bimwe bikomeye amacakubiri.
Barinjizamwo abahutu nka bose umutima
w’ubwicanyi, umutima wo guhonya abatutsi. Barabaha ibigwanisho, mbere
baranabararikira guhonya abatutsi mu kwezi kwa gatandatu 1993 bakoresheje ya
mvugo bita «Code juin».
Niho kuva kw’igenekerezo ry 21
gitugutu 1993, ABAFRODEBU n’abo bacuditse batikiza abatutsi n’abahutu banse
kubakwirikira. Mu minsi itarenga
itandatu, abo ba FRODEBU bari bamaze kwica abatutsi barenga ibihumbi amajana
abiri (200000 ). Ihonyabwoko
bw’abatutsi n’ubu rikibandanya riba riratanguye. Yamara n’ico gihe nyene
, kuberako intwaramiheto zitari bwaronke abategetsi bashobora kuziboha imbere
n’inyuma, zarashoboye guhagarika ubwo bwicanyi abatutsi batarahona bose.
Aba
FRODEBU ba maze kubona ko umugambi wabo utarangutse nk’uko bavyuphuza,
baciye bafata imigambi yo gushinga igisoda
mponyabatutsi bise mu kirundi intagoheka arizo bita mu gifranse FDD. Munyuma na PALIPEHUTU yaciye ishinga igisoda mponyabatutsi
citwa FNL. FRODEBU yahavuye ishirahamwe iyo mingwi ibiri, ica
ifatanya n’amakungu kugirango bigire hamwe amayeri yose yo guheraheza
ihonyabwoko bw’abatutsi. Ayo mayeri nayo n’aya :
- Kugena NYERERE, umwansi wa mbere w’ abatutsi kugirango abe ariwe muhuza w’abarundi muri ivyo biganiro.
- Gukora
ku buryo muri ivyo biganiro hemezwa ibi bikwirikira :
. ikigongwe kivunga c’abagize
ihonyabwoko
. gufunguza abagize ihonyabwoko
.
gusambura igisoda c’igihugu mu kivanga na ya migwi
y’ihonyabatutsi.
.
kwaka ububasha igisoda c’uburundi
bwogucungera ubuzima
bw’igihungu kugirango gisubirirwa
n’igisoda mvamakungu.
. gusambura ubutungane buhagarikiwe
n’abarundi b’umutima
kugirango busubirirwe n’ubutungane
buhagarikiwe
n’abaguze ihonyabwoko
.
gusubiza ubutegetsi bwose FRODEBU
n’abo basangiye
umugambi w’ihonyabwoko.
Muri
kino kiganiro tuja gushimikira cane cane kuri ayo mayeri azotuma FRODEBU
iheraheza bidatevye ihonyabwoko
bw’abatutsi. Ariko ntituja kw’ibagira icokorwa n’ abarundi na cane cane
urwaruka kugirango uwo mugambi ntangere nturanguke.
I.
KURINGANIZA IBIGANIRO HAGATI YA LETA N’ABAGIZE
IHONYABWOKO.
Hanyuma
y’ihonyabwoko bw’abatutsi ryabaye muri gitugutu 1993, abafrodebu baciye baba
ibicibwa. Mubisanzwe, abarundi bose hamwe n’amakungu bategerezwa guca babaharira ivumo kubera ubwicanyi ntangere bari bahejeje gukora. Yamara siko
vyagenze.
Kugirango rero ntibaharirwe ivomo aba
FRODEBU baciye bakora ukobashora kwose kugirango basubire kuronka icicaro mu
bandi barundi. Ivyo rero baciye babirondera babifashijwemwo n’uwari yabavyaye
kw’ibatisimu y’ihonyabwoko Juvénal HAVYARIMANA. Uwonawe yategerezwa guca
kuri ONU kugirango bishoboke. Ico gihe haciye harungikwa mu BURUNDI umuntu
uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU, harongera hararungikwa
mu BURUNDI userukira
umunyamabanga mukuru wa OUA. Ibiganiro vya mbere bica biratangura mu KAJAGA na
mu KIGOBE . Ivyo biganiro navyo bica bivyara NTARYAMIRA Cyprien ngo abe umukuru
w’UBURUNDI. Haheze amezi abiri, NTARYAMIRA aca aja kuturonderera inteko
mvamakungu muri TANZANIYA. Imana ica irabimwankira, nawe aca yitaba shetani be
na HAVYARIMANA . Ariko munyuma ivyo biganiro vyaciye bisubira gutangura muri
NOVOTEL . Bica bivyara
NTIBANTUNGANYA na NDUWAYO . Abo nabo baca baja kutuzanira inteko mvamakungu
kw’igenekerezo rya 25/06/1996 . Abarundi b’umutima baca bavira hasi rimwe
barabiyamiriza, hanyuma barabogozwa inyuma y’ukwezi kumwe. Baca basubirirwa
na BUYOYA na NDIMIRA. Imigambi ya
FRODEBU ica ibona kuranguka ata nkomanzi. Ibiganiro hagati y’abagize
ihonyabwoko n’abishe NDADAYE bica biratangura. Abari barahariwe ivomo nka
MINANI n’abandi baca bahabwa icicaro n’icubahiro mu makungu. Baca basubira
kwitwa abantu aho kwitwa abamenja. None ubu nibo buca bashikirizwa igihugu
kugirango baronka uburyo bukwiye bwo guheraheza ihonyabwoko.
II . KUGENA NYERERE NGO ABE UMUHUZA MU MATATI Y’ABARUNDI.
Uwaringanije
ibiganiro hagati y’abagize ihonyabwoko
bw’abatutsi n’abishe NDADAYE ntiyari afise umugambi usanzwe . Ico yifuza
kwari ugusubiza agahuzu FRODEBU n’ugushikiriza abafrodebu intwaro kugirango
baronke uburyo bwo kumarira udututsi twacitse kw’icumu, ejo ntihasubire
kuboneka umuntu yagiriza canke yitwarira FRODEBU kubera ico caha mukuru
w’ivyaha vyose . Kugirango ivyo bishoboke yaciye arondera umucamanza asanzwe
ashigikiye intagondwa z’abahutu bahurikiye muri FRODEBU n’imigambwe
somambike yawe. Niko gushikira NYERERE kuko nawe yari asanzwe ariwe afasha aba
FRODEBU-FDD n’aba PALIPEHUTU gutera UBURUNDI . NYERERE yatowe kugirango
abafashe gushika ku migambi yabo yo
guhanya abatutsi. Naho apfiriye, abantu bose barabonye ko Leta ya FRODEBU yaciye
ikora uko ishoboye kwose kugirango NYERERE asubirizwa n’umugenzi wiwe ashobora
gukwirikiza adaciye iruhande umugambi wa FRODEBU na NYERERE wo guhonya abatutse.
III . GUSABA KO MU BIGANIRO VY’I ARUSHA HOKWEMEZWA IBI BIKWIRIKIRA :
1.
Kugirira
ikigongwe ikivunga abagize ihonyabwoko.
Nk’uko
twabibonye muri NTEGA na MARANGARA , kugirira ikigongwe abagize ihonyabwoko
utabanje kubashikana imbere y’intahe nibwo buryo bwa mbere bwo gutuma abo
bantu basubira gukora ico caha ata shishi na ritoya bafise kuko baba bazi neza
ko naho botikiza inganda ata gihano
bazoronka (C’est donc un encouragement dans l’acte criminel).
2.
Gufunguza
abagize ihonyabwoko
Vyugorana
cane ko abantu batobato bishe abatutsi bategetswe n’abatware aribo banyene
baguma bapfunzwe, mu gihe ababatumye nabo baguma binezereza mw’itunga
ry’igihugu . Abo bantu bohava bagumuka kandi bagataka ko
ababatumye nabo bohagirikwa bagapfungwa. Kandi vyongeye, hamwe Leta
FRODEBU yoshobora gupfunguza abo bantu nibo bosubira guhonya abatutsi
n’abahutu barwanya ihonyabwoko ata kinya bafise kuko bazoba bazi ko atagihano
bazoronka.
Nico gituma rero FRODEBU n’abafasha
bayo baguma basura birenza basaba ko abicanyi babo bapfungurwa ngo kuko
bapfungiwe ivya politique.
3. Gusambura igisoda c’UBURUNDI
mukugisukiranya na ya migwi y’ihonyabatutsi
Kuva
mu 1965 gushika uno munsi, abahutu b’intagondwa bama bariko baragerageza
guhonya abatutsi b’UBURUNDI nk’uko intagondwa z’abahutu b’i RWANDA
babigiriye abatutsi b’i RWANDA mu 1959. Ariko kuva ico gihe, gushika uno munsi , izo ntagondwa z’abahutu ntizirashika ku mugambi
wazo kuko bama bateshwa n’abasoda b’UBURUNDI. Ubu rero izo ntagondwa
zaramaze kubona ko ico gisoda kidasambura zidashobora guhonya abatutsi. Nico
gituma , mu biganiro vyabaye hagati y’abo bicanyi n’abishe NDADAYE, abo
bacanyi basavye ko binjizwa muri ico gisoda bitwaza ko ngo ico gisoda ari
c’ubwoko bumwe bw’abatutsi ariko dusanzwe tuzi ko mu gisoda c’UBURUNDI ubu
harimwo abahutu bababa mirongo itandatu kw’ijana (60%).
Icifuzo c’abo bicanyi n’uko
bakwinjira muri ico gisoda kugirango bakirwanye bari indani kuko ariivyo
vyoroshe. Ubu rero, muri ya mahopa ngo n’amasezerano y’i Arusha, bemeranije
ko igisoda c’UBURUNDI kigiye kugirwa na 50% bavuye mu gisoda c’UBURUNDI na
50% bavuye muri PALIPEHUTU na CNDD. Ivyo bimaze gushika, ntakizobuza ko izo
ntagondwa z’abahutu zihonya abatutsi. Ikindi twokwibutsa abarundi bamwe bamwe,
n’uko no muri ico gisoda c’UBURUNDI mwumva ubu hasanzwe harimwo aba CNDD
n’aba PALIPEHUTU bacinyegejemwo nk’uko tubisanga mu rwandiko
Patiri SIRIBA Philippe yise (REFLEXION SUR LES CAUSE MENANT LE BURUNDI A
LA CATASTROPHE ET SUR LA SOLUTION POUR L’EVITER) no muri raporo ya I C G
(International crisis group ) inomero 29 bise « BURUNDI : Sortir de
l’impasse l’urgence d’un nouveau cadre de négociation) ku rupapuro
inimero 7. N’ukuvuga rero ko umunsi hazoba hageze ko ihonyabwoko riherahezwa,
abasoda b’igihugu bazorwana n’abo ba C N D D na PALIPEHUTU bitwa ko bari mu
gisoda c’igihugu abandi ba CNDD na PALIPEHUTU bari mw’ishamba bace barengera
mu banyagihugu b’abatutsi n’abahutu batabemera bateme batongore ata muntu
n’umwe ashobora kubatabara.Muri urwo rugamba rwo kumara abatutsi,ba ba FDD na
ba ba FNL bitwa aba gardiens de la paix nibo bazoba bafise urahara ruhambaye nka
rumwe rwari rufiswe n’interhamwe z’iRWANDA mu 1994.
4. Kwaka ububasha igisoda
c’UBURUNDI bwo gucungera inzego n’ubuzima
bw’igihugo hamwe n’abanyagihugu.
Umuntu ariko arumviriza ivyo FRODEBU
na Somambike bayo basaba kugirango hashirweho
ico bita inzego mfatakibanza ,aca abura ico afata n’ico areka, akabura
iyo aja n’iyo ava. Eka arabura ayo acira nayo amira, akabona koko ko UBURUNDI
bwagurishijwe bwuma. Iyo naho yumvise ivyo BUYOYA asaba ico yita ibihugu
bigenzi vy’UBURUNDI aca ata umutwe.
FRODEBU isaba ko mu BURUNDI hoza
inteko mvamakungu zingana ibihumbi bine bivuye muri afrika yepho ( Afrique du
Sud ), Sénégal, NIGERIA na GHANA) zije gukingira abanyagihugu n’abategetsi
batemera igisoda c’UBURUNDI. FRODEBU irongera igasaba ko hoshirwaho igisoda
kigizwe n’abantu ibihumbi cumi , ibihumbi bitanu bivuye mu gisoda c’igihugu
n’ibihumbi bitanu bivuye muri CNDD na PALIPEHUTU. Abo rero ngo nibo boba
bajejwe gukingira inzego z’igihugu n’ibibanza bikomakomeye vy’igihugu.
Mbega none ko abo basoda mvamakungu bazoba bajejwe gukingira inzego
n’abanyagihugu, abo basoda ibihumbi cumi bakaba bazoba bajejwe gucungera
inzego n’ibibanza bikomakomeye, none abandi basoda b’igihugu bazokora iki ?
MBEGA UMUNSI PALIPEHUTU na CNDD bazokwiyadukiza bahonya abatutsi n’inde azoja
gutabara ? Mbega ko mu masezerano y’i ARUSHA bavuga ko. Umukuru
w’igihugu we nyene ariwe ashobora guha
uruhusha intwaramiheto z’igihugu ngo zikoreshe inguvu mu gutabara
abanyagihugu, umunsi FRODEBU-CNDD na PALIPEHUTU biyadukije bahonya abatutsi, ni
Domition NDAYIZEYE na BUYOYA bazoha uruhusha izo ntwaramiheto ngo zije kurwanya
FRODEBU na PALIPEHUTU ?
Ivyarivyo vyose, biraboneka neza ko
intwaramiheto z’UBURUNDI ziriko zirabohwa bikwiye kugirango ejo ntizize zibe
zigisubira gushobora gutabara abatutsi. Umugambi wa FRODEBU wo gusenyura igisoda
c’UBURUNDI kugirango gisubirirwe n’intekomvamakungu hamwe na CNDD na
PALIPEHUTU hanyuma intagondwa z’abahutu zibone guhonya abatutsi ata ntambamyi
iriho uratevye ararangutse.
Uwo mugambi wa FRODEBU wari warananiye
NDADAYE kuwushira mu ngiro. Wari
warananiye NTARYAMIRA. Urananira NTIBANTUBANGA, none ehe raba BUYOYA we nyene
niwe ashoboye kuwushira mu ngiro. Uwo muntu, kubera ubutwari bwiwe, araberewe no
kuronka impera ijanye n’ivyiza yakoreye UBURUNDI.
5. Gusambura ubutungane
buhagarikiwe n’abarundi b’umutima kugira ngo busubirirwe n’ubutungane buhagarikiwe n’abagize ihonyabwoko.
Mu vyo FRODEBU yasaba ikija muri bimwe
bita ibiganiro vy’amahoro vy’i ARUSHA hari mwo ikibazo co guhindura
ubutungane. Mbere baranasaba kandi n’ubu bakibandanya ko abaphungiwe ivya
politike borekurwa. Abo nabo ngo ni bamwe bagira ihonyabwoko bw’ abatutsi kuva
italiki 21 gitugutu 1993. Abandi nabo ngo n’abafatiwe muri yamigwi
y’ihonyabwoko yo muri CNDD na PALIPEHUTU. Ivyo rero kugirango bishoboke
n’uko abahora bahagarariye ubutungane babogozwa ngo kuko bagwiriyemwo abatutsi ;
kandi ngo intahe yabo icira inkonda nk’uko NTIBANTUNGANYA yahora avyivugira acitwa
ngo n’Umukuru w’igihugu.
Icifuzo ca FRODEBU na PALIPEHUTU
n’uko ubutungane bwohagararirwa n’abanywanyi babo kugirango bashobora
gupfunguza abanywanyi babo bagize ihonyabwoko canke bafatiwe muri ya migwi ya
CNDD na PALIPEHUTU. Ivyo nivyashika nta muntu
n’umwe yagize ihonyabwoko azosubira gupfungwa canke ngo aronke ikindi gihano.
Mbere n’ubu, kuva habaye ico bise
partenariat entre le Gouvernement et l’Assemblée nationale hariho icaciye
gihinduka mu butungane bw’igihugu na cane cane hano hono i BUJUMBURA. Kuva ico
gihe, umushikirizamanza mukuru wa Repubulika (Procureur Général de la République) yaciye ahindurwa bashiraho umunywanyi wa FRODEBU yitwa NGENDABANKA Gérard.
Muri Cour d’appel y’i BUJUMBURA ari naho hasasa sentare rubamba icira imanza
abakozi ivyaha bihambaye nk’ivyo kwica, baciye bahashira umuntu wabo yitwa
GACUKO.
Kuva ico gihe, abantu batari bake
bagize ihonyabwoko birirwa bararekurwa canke bagacirirwa ibihano ataco bisa
bisana n’ivyaha bakoze. Eka namwe
muribuka amabi ba Gouverneurs ba MUYINGA na BUJUMBURA-RURAL bakoreye abanyagihugu bari bajejwe muri gitugutu 1993. Abo bose ubu bararekuwe, bari mu
mwidegemvyo ntangere abo batwara nabo bariko bavundira mu kuzimu.
6. Gusubiza ubutegetsi bwose FRODEBU n’abo basangiye
umugambi w
Kuva NDADAYE Mélchior agihitanwa n’urwo yari yateguriye abandi gushika n’uyu munsi , abafrodebu, bakoresheje abagwanyi babo bo muri CNDD na PALIPEHUTU, baguma bahonya abatutsi bitwaza ngo nibo basenyuye « Démocratie » yabo. Baguma bavuga ngo ntibazohagarika ingwano, Leta itabashubije kubutegetsi, ngo ibasubize démocratie yabo. Eka n’ibiganiro vy’i ARUSHA ntakindi vyarondera atari ugusubiza ubutegetsi bwose FRODEBU kugirango ironke ingura zikwiye zo guheraheza ihonyabatutsi. None ya ntsinzi igira kabiri FRODEBU yaraye iyishikiriye . BUYOYA yaraye abashikirije ubushikiranganji bwose bukomeye muri kino gihugu ari nabwo intwaro nyakuri itegerezwa guhagararako. Yaraye abashikirije, iruhande y’umukuru w’igihugu , ubushikiranganji 14 ku bushikiranganji 26 buzogira leta mfarakibanza. Ubwo nabwo ni ubu bukwirikira :
1. Ubushikiranganji bw’Intwaro ya hagati mugihugu n’mutekano
2.
Ubushikiranganji bw’ubutungane
3. Ubushikiranganji bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi
4.
Ubushikiranganji bw’ ibikorwa vya Leta
5.
Ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n’abantu, amaposita no guhanahana
amakuru
6.
Ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine
7.
Ubushikiranganji bwo kuringaniza amatongo n’ibidukikije
8.
Ubushikiranganji bw’intwaro ibereye no kudandaza amashirahamwe ya Leta
9.
Ubushikiranganji bw’indero
10.
Ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta
11. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu
12.
Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama
13.
Ubushikiranganji bwo guteza imbere abakenyezi
14.
Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru.
Iruhande y’ubwo bushikiranganji,
abanyagihugu barakwiye kumenya ko umukuru w’ibanki Nkururu ya Republika (BRB), Umushikiriza manza mukuru wa Republika hamwe n’Umukuru wa sentare
isubiramwo imanza ikaba ishashemwomo na sentare rubamba ya hano i BUJUMBURA
bazova muri FRODEBU.
None iyo ubutungane bwose
ubushikirije abagize ihonyabwoko, uba ushaka gushika kuki ? Iyo
intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekane ubishikirije abagize ihonyabwoko, uba
wifuza gushika kuki ? Iyo ivyerekeye ibikorwa
vya Leta,gutanga ibibanza vyo kwubaka mwo no gutanga amatongo ubishikirije
abifuza gusohora mu matongo no mu mazu abatutsi uba
wifuza gushika kuki ? Iyo amashure uyashikirije abifuza kuyahagarika
no kuyasambura uba wifuza gushika kuki ?
Muri make biraboneka neza ko imigambi
yo gufuta abatutsi muri kino gihugu yose yamaze gufatwa. Igisigaye ni kumenya
umunsi w’iharahezwa ry’ihonyabwoko bw’abatutsi.
None ko mu kirundi bahora baca
imigani ngo ibuye riserutse ntiriba
ricishe isuka,ngo ikuburiye ntikurya, ngo ikiburirwa kigapfa n’impene
gusa, tweho twokora iki kugirango ya seganya NDADAYE yatwemerera
ntiduhitane ?
IV Icokorwa n’abarundi b’umutima na cane cane urwaruka
kugirango ihonyabatutsi rihagarikwe.
Ihonyabatutsi ryateguwe na FRODEBU
kuri NDADAYE n’ubu rirabandanya.
Nta
musoda w’Uburundi azoba agishobora guhagarika iryo honyabwoko. None ni nde
azotabara abatutsi ?
None ga abatutsi n’abahutu b’umutima bokora iki kugirango ico kiza gihagarare ?
a)
Ku
vyerekeye abantu bakuze
1.
Ica
mbere cokorwa n’uko abatutsi bohagarika guharanira inda zabo bagashira imbere
kugwanira ukubaho kwabo (la survie).
2.
Ica
kabiri cokorwa n’uko abatutsi bokwikuramwo ubudumbidumbi bw’amacakubiri
y’intara bakamenyako imbere y’abicanyi ata mututsi w’i NGOZI ,w’i
MAKAMBA, wo mu KAYANZA, w’IBURURI ,w’i MUYINGA ,w’i MURAMVYA, wo Mu RUTANA
, w’i GITEGA canke w’ i MWARO abaho.
Imbere
ya FRODEBU umututsi yitwa umututsi naho yoba ava muntara imwe n’uwo mwicanyi.
Nukuvuga ko umututsi uwariwe wese utaravye intara avamwo aruwo kwica gusa.
3.
Abatutsi bose barakwiye kurengera imigambwe
barimwo, bakamenya ko igihe turimwo atari ico guhiganwa canke co kwitoza, ahubwo
arico kurwanira ukubaho kw’umw’umwe wese, igihe co kuvira hasi rimwe
tukarwaniriza umwansi hamwe kugirango twikingire ihonyabwoko.
Imigambwe
yose idashigikiye ihonyabwoko, ikwiye kuja hamwe idatevye ikagira ico nokwita mu
gifransa « Front de résistance
contre la mort collective ou contre le génocide ».
4.
N’ugushira ubwoba, ntihagire uwusubira gutinya umunyororo canke
gukubitwa kuko umupanga,umuriro canke urusase ntaco bisa bisana n’uwo
munyororo canke izo nkoni.
b) Ku vyerekeye urwaruka.
Kuva na kera na rindi ibihugu vyose vyamye bitabarwa n’urwaruka.No mu Burundi niko vyamye bigenda, kandi nta na révolution ishoboka urwaruka rutarimwo. None mbega urwaruka rw’iBurundi rwaroye hehe ? Rwanyoye umuti witwa ngwiki ? None n’ukuvuga ko rutabona ko igihugu cahejeje kurwa mu gutembagara ?
Niko
Leta ntaco idakora kugirango irusinzirize, irubuze kubona ko igihugu kiri ku
manga. Yamara ntivyumvikana na gatoya ko n’urwaruka rwo muri Kaminuza
rutabona ko igihugu kiriko kiraja mu manga.
Nashaka
ngaha gusemerera. Gusemerera kuko amazi ariko ararenga inkombe niyaba
atamaze kuzirengera. Nagomba gusaba
urwaruka, na cane cane urwo muri Kaminuza no mu mashure yisumbuye ko rwokoranira
hamwe hamwe,rukarengera ivyoba birutandukanya vyose kugirango rutabare igihugu.
Hariho amashirahamwe menshi y’urwaruka, yaba aya J.R.R., AMASEKANYA
n’ayandi. Nashaka gusaba ayo mashirahamwe yose ko yikoranira hamwe muri
inominsi kugirango yigire hamwe uburyo burashe bwo gusenyura Leta y’abicanyi
bagize ihonyabwoko ubuhizi.
Urwaruka rumaze gukoranira hamwe,
abakuze, imigambwe, « ama syndicats »
n’ayandi mashirahamwe bamaze gukoranira hamwe bose, bakarengera inda zabo
n’ibindi vyose vyobateranya canke bikabatandukanya, nta nkeka ko iyo Leta
y’abicanyi izoheza igasenyuka, ihonyabwoko naryo rikabona guhagarara. Ivyo
bitabaye kandi mu minsi ya vuba, muraca mutegura amazosi yanyu muyashikirize
FRODEBU iyaringanize kuko nta kindi kizoba gisigaye.
MUKOZE.
