RUGAMBA-NET PRESS

http://www.netpress.bi

 


Membre de ClickFR, Reseau francophone Paie-Par-Click

 

 

 

 

 

VII ème Semaine d’information et de réflexion sur le Génocide.

 "Le parachèvement du génocide des Tutsi et le rôle de la jeunesse dans le stoppage de ce  génocide"

("IHERAHEZWA RY’IHONYABWOKO BW’ABATUTSI N’ICO URWARUKA RWOKORA KUGIRANGO RIHAGARARE")

 

 

Conférence animée par Raphaël HORUMPENDE à l’occasion de la 4ème journée d’Information et de Réflexion sur le Génocide 

Bujumbura, le 24/10/2001. 

 

INTANGAMARARA

                Kuva mu 1959, igihe haba ihonyabwoko ry’abatutsi b’irwanda ryari ryaringanijwe n’intagondwa z’abahutu b’ i RWANDA  gushika uno munsi, nta kintu na kimwe gishoboka kitagizwe n’abo bahutu b’IRWANDA kugirango ivyabaye i RWANDA bishoboka kuba no mu BURUNDI. Inyigisho zerekeye guhonya abatutsi b’i BURUNDI zatanguye gutangwa ku bahutu b’i BURUNDI na Prezida  Grégoire KAYIBANDA. Amaze gukurwa ku butegetsi mu 1973, izo nyigisho ziciye zibandanya zitangwa n’Umusubirizi wiwe Juvénal HAVYARIMANA gushika ku munsi Imana yamudukiza kw’itarike 6/04/1994. 

              Intagondwa z’abahutu b’i BURUNDI , zimaze ku nyugwa n’inyigisho mponyabatutsi zaciye zitangura kugerageza gushira mu ngiro uwo mugambi. N’uko ihonyabatutsi rya mbere rica riratangura.  Iryo naryo ryakozwe mu 1965. Muri ico gihe intwaramiheto z’UBURUNDI zarahabereye abagabo, zirashobora guhagarika iryo honyabwoko mu mwanya muto. Ariko inganda zari zagandaguritse. Abariho muri ico gihe baribuka abatutsi bagandaguwe n’intagondwa z’abahutu mu BUKEYE , i BUSANGANA no kuyindi misozi imw-imwe yo mu ntara ya MURAMVYA.  Ariko izo ntagondwa ntizashizwe . Zarabandanije inyigisho z’amacakubiri, zo kwankanisha abahutu n’abatutsi kugirango bategure irindi honyabatutsi. Niho kw’igenekerezo rya 29/04/1972 , izo ntagondwa zasubira guhekura abarundi mu gutikiza abatutsi mu CIBITOKE , muri BUJUMBURA  rurale no mu bumanuko bw’igihugu na cane cane muri za  KANYOSHA, KABEZI ,MUTUMBA , MAGARA, MINAGO, RUMONGE, VYANDA , BURURI, NYANZA –LAC,MABANDA, KAYOGORO na BUKEMBA  

No muri ico gihe, kuberako igihugu cari gifise ikigitwara, intwaramiheto zarivunye abo bamenja, ihonyabwoko ribona guhagarara. 

       Ariko intagondwa z’abahutu b’i RWANDA ntizashizwe. Zarabandanije kwigisha abahutu b’i BURUNDI inyigisho z’ihonyabwoko, zirabigisha uburyo bwose bwo kurishira mu ngiro , zirabafasha gushinga imigambwe y’intagondwa nka « UBU » « BAMPERE » « PALIPEHUTU na FRODEBU  zongera ziranabaha uburyo bwo guhonya abatutsi. Niho kw’italiki 15/08/1988, intagondwa z’abahutu zihurikiriye muri PALIPEHUTU zatera mu makomine b’i NTEGA na MARANGARA ari mu buraruko bw’igihugu cacu. Abo bicanyi baje gutikiza abatutsi i NTEGA na MARANGARA bavuye mu gihugu c’i RWANDA . Mu minsi itarenga ibiri, barishe abatutsi barenga ibihumbi bitanu ( 5000 ) . Ariko naho nyene, intwaramiheto z’uburundi zarashoboye kubahagarika batarashwara igihugu cose. Ariko umugambi w’izo ntagondwa z’abahutu warabandanije . Mbere inyaka itatu iheze hanyuma y’ihonyabwoko bw’abatutsi bo muri NTEGA na MARANGARA, izo nkorabara zaciye zitera imbere mu bikoresho  zakoresha mu guhonya abatutsi. Niho kw’igenekerezo rya 23/11/1991, abo ba  PALIPEHUTU batera mu gisagara ca BUJUMBURA no mu ntara za BUBANZA na CIBITOKE bitwaje inkoho. Ico gihe barishe abatutsi batiri bake. Ariko kuberako batari bwaronke inkoho zikwiye, intwaramiheto z’UBURUNDI zarashoboye kubahagarika bitazigoye. Ariko nahonyene izo ntagondwa ntizishizwe. Zaciye zibandanya zitegura ihonyabwoko bw’abatutsi. Mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu 1992, imigambwe  myinshi ica iremererwa gukorera ku mugaragaro FRODEBU ica iravuka,  kandi itangura gukorana na PALIPEHUTU. Baca batangura gukorera   ku mugaragaro. Barigisha bimwe bikomeye amacakubiri.  Barinjizamwo abahutu nka bose  umutima w’ubwicanyi, umutima wo guhonya abatutsi. Barabaha ibigwanisho, mbere baranabararikira guhonya abatutsi mu kwezi kwa gatandatu 1993 bakoresheje ya mvugo bita  «Code juin».  

        Niho kuva kw’igenekerezo ry 21 gitugutu 1993, ABAFRODEBU n’abo bacuditse batikiza abatutsi n’abahutu banse kubakwirikira.  Mu minsi itarenga itandatu, abo ba FRODEBU bari bamaze kwica abatutsi barenga ibihumbi amajana abiri (200000 ).   Ihonyabwoko bw’abatutsi n’ubu rikibandanya riba riratanguye. Yamara n’ico gihe nyene , kuberako intwaramiheto zitari bwaronke abategetsi bashobora kuziboha imbere n’inyuma, zarashoboye guhagarika ubwo bwicanyi abatutsi batarahona bose.  

      Aba  FRODEBU ba maze kubona ko umugambi wabo utarangutse nk’uko bavyuphuza, baciye bafata imigambi yo gushinga igisoda  mponyabatutsi bise mu kirundi intagoheka arizo bita mu gifranse FDD. Munyuma na PALIPEHUTU yaciye ishinga igisoda mponyabatutsi  citwa FNL. FRODEBU yahavuye ishirahamwe iyo mingwi ibiri, ica ifatanya n’amakungu kugirango bigire hamwe amayeri yose yo guheraheza ihonyabwoko bw’abatutsi. Ayo mayeri nayo n’aya :

  -  Kuringaniza ibiganiro hagatiya Leta hamwe n’abagirizwa ihonyabwoko.  

  -  Kugena NYERERE, umwansi wa mbere w’ abatutsi kugirango abe ariwe muhuza w’abarundi muri ivyo biganiro.

  -  Gukora ku buryo muri ivyo biganiro hemezwa ibi bikwirikira :

                            . ikigongwe kivunga c’abagize ihonyabwoko

                            . gufunguza abagize ihonyabwoko

                            . gusambura igisoda c’igihugu mu kivanga na ya migwi

                               y’ihonyabatutsi.

                           . kwaka ububasha igisoda c’uburundi bwogucungera ubuzima 

                              bw’igihungu kugirango gisubirirwa n’igisoda mvamakungu.

                            . gusambura ubutungane buhagarikiwe n’abarundi b’umutima

                              kugirango busubirirwe n’ubutungane buhagarikiwe

                              n’abaguze ihonyabwoko

                            . gusubiza ubutegetsi bwose FRODEBU n’abo basangiye

                              umugambi w’ihonyabwoko.

Muri kino kiganiro tuja gushimikira cane cane kuri ayo mayeri azotuma FRODEBU iheraheza bidatevye  ihonyabwoko bw’abatutsi. Ariko ntituja kw’ibagira icokorwa n’ abarundi na cane cane urwaruka kugirango uwo mugambi ntangere nturanguke.  

I. KURINGANIZA IBIGANIRO HAGATI YA LETA N’ABAGIZE      IHONYABWOKO. 

        Hanyuma y’ihonyabwoko bw’abatutsi ryabaye muri gitugutu 1993, abafrodebu baciye baba ibicibwa. Mubisanzwe, abarundi bose hamwe n’amakungu    bategerezwa guca babaharira ivumo  kubera ubwicanyi ntangere bari bahejeje gukora. Yamara siko vyagenze. 

        Kugirango rero ntibaharirwe ivomo aba FRODEBU baciye bakora ukobashora kwose kugirango basubire kuronka icicaro mu bandi barundi. Ivyo rero baciye babirondera babifashijwemwo n’uwari yabavyaye kw’ibatisimu y’ihonyabwoko Juvénal HAVYARIMANA. Uwonawe yategerezwa guca kuri ONU kugirango bishoboke. Ico gihe haciye harungikwa mu BURUNDI umuntu uwuserukira umunyamabanga mukuru wa ONU, harongera hararungikwa  mu BURUNDI  userukira umunyamabanga mukuru wa OUA. Ibiganiro vya mbere bica biratangura mu KAJAGA na mu KIGOBE . Ivyo biganiro navyo bica bivyara NTARYAMIRA Cyprien ngo abe umukuru w’UBURUNDI. Haheze amezi abiri, NTARYAMIRA aca aja kuturonderera inteko mvamakungu muri TANZANIYA. Imana ica irabimwankira, nawe aca yitaba shetani be na HAVYARIMANA . Ariko munyuma ivyo biganiro vyaciye bisubira gutangura muri NOVOTEL . Bica  bivyara NTIBANTUNGANYA na NDUWAYO . Abo nabo baca baja kutuzanira inteko mvamakungu kw’igenekerezo rya 25/06/1996 . Abarundi b’umutima baca bavira hasi rimwe barabiyamiriza,  hanyuma barabogozwa inyuma y’ukwezi kumwe. Baca basubirirwa na BUYOYA na NDIMIRA.  Imigambi ya FRODEBU  ica  ibona kuranguka ata nkomanzi. Ibiganiro hagati y’abagize ihonyabwoko n’abishe NDADAYE bica biratangura. Abari barahariwe ivomo nka MINANI n’abandi baca bahabwa icicaro n’icubahiro mu makungu. Baca basubira kwitwa abantu aho kwitwa abamenja. None ubu nibo buca bashikirizwa igihugu  kugirango baronka uburyo bukwiye bwo guheraheza ihonyabwoko. 

II . KUGENA NYERERE NGO ABE UMUHUZA MU MATATI Y’ABARUNDI.

Uwaringanije ibiganiro hagati y’abagize  ihonyabwoko bw’abatutsi n’abishe NDADAYE ntiyari afise umugambi usanzwe . Ico yifuza kwari ugusubiza agahuzu FRODEBU n’ugushikiriza abafrodebu intwaro kugirango baronke uburyo bwo kumarira udututsi twacitse kw’icumu, ejo ntihasubire kuboneka umuntu yagiriza canke yitwarira FRODEBU kubera ico caha mukuru w’ivyaha vyose . Kugirango ivyo bishoboke yaciye arondera umucamanza asanzwe ashigikiye intagondwa z’abahutu bahurikiye muri FRODEBU n’imigambwe somambike yawe. Niko gushikira NYERERE kuko nawe yari asanzwe ariwe afasha aba FRODEBU-FDD n’aba PALIPEHUTU gutera UBURUNDI . NYERERE yatowe kugirango abafashe gushika ku migambi yabo  yo guhanya abatutsi. Naho apfiriye, abantu bose barabonye ko Leta ya FRODEBU yaciye ikora uko ishoboye kwose kugirango NYERERE asubirizwa n’umugenzi wiwe ashobora gukwirikiza adaciye iruhande umugambi wa FRODEBU na NYERERE wo guhonya abatutse.

III . GUSABA KO MU BIGANIRO VY’I ARUSHA HOKWEMEZWA IBI BIKWIRIKIRA 

1. Kugirira ikigongwe ikivunga abagize ihonyabwoko.

Nk’uko twabibonye muri NTEGA na MARANGARA , kugirira ikigongwe abagize ihonyabwoko utabanje kubashikana imbere y’intahe nibwo buryo bwa mbere bwo gutuma abo bantu basubira gukora ico caha ata shishi na ritoya bafise kuko baba bazi neza ko  naho botikiza inganda ata gihano  bazoronka (C’est donc un encouragement dans l’acte criminel).  

2. Gufunguza abagize ihonyabwoko  

Vyugorana cane ko abantu batobato bishe abatutsi bategetswe n’abatware aribo banyene baguma bapfunzwe, mu gihe ababatumye nabo baguma binezereza mw’itunga ry’igihugu . Abo bantu bohava bagumuka kandi bagataka ko  ababatumye nabo bohagirikwa bagapfungwa. Kandi vyongeye, hamwe Leta FRODEBU yoshobora gupfunguza abo bantu nibo bosubira guhonya abatutsi n’abahutu barwanya ihonyabwoko ata kinya bafise kuko bazoba bazi ko atagihano bazoronka.  

Nico gituma rero FRODEBU n’abafasha bayo baguma basura birenza basaba ko abicanyi babo bapfungurwa ngo kuko bapfungiwe ivya politique.

      3. Gusambura igisoda c’UBURUNDI mukugisukiranya na ya migwi y’ihonyabatutsi

 Kuva mu 1965 gushika uno munsi, abahutu b’intagondwa bama bariko baragerageza guhonya abatutsi b’UBURUNDI nk’uko intagondwa z’abahutu b’i RWANDA babigiriye abatutsi b’i RWANDA mu 1959. Ariko kuva ico gihe, gushika  uno munsi , izo ntagondwa z’abahutu ntizirashika ku mugambi wazo kuko bama bateshwa n’abasoda b’UBURUNDI. Ubu rero izo ntagondwa zaramaze kubona ko ico gisoda kidasambura zidashobora guhonya abatutsi. Nico gituma , mu biganiro vyabaye hagati y’abo bicanyi n’abishe NDADAYE, abo bacanyi basavye ko binjizwa muri ico gisoda bitwaza ko ngo ico gisoda ari c’ubwoko bumwe bw’abatutsi ariko dusanzwe tuzi ko mu gisoda c’UBURUNDI ubu harimwo abahutu bababa mirongo itandatu kw’ijana (60%). 

Icifuzo c’abo bicanyi n’uko bakwinjira muri ico gisoda kugirango bakirwanye bari indani kuko ariivyo vyoroshe. Ubu rero, muri ya mahopa ngo n’amasezerano y’i Arusha, bemeranije ko igisoda c’UBURUNDI kigiye kugirwa na 50% bavuye mu gisoda c’UBURUNDI na 50% bavuye muri PALIPEHUTU na CNDD. Ivyo bimaze gushika, ntakizobuza ko izo ntagondwa z’abahutu zihonya abatutsi. Ikindi twokwibutsa abarundi bamwe bamwe, n’uko no muri ico gisoda c’UBURUNDI mwumva ubu hasanzwe harimwo aba CNDD n’aba PALIPEHUTU bacinyegejemwo nk’uko tubisanga mu rwandiko  Patiri SIRIBA Philippe yise (REFLEXION SUR LES CAUSE MENANT LE BURUNDI A LA CATASTROPHE ET SUR LA SOLUTION POUR L’EVITER) no muri raporo ya I C G (International crisis group ) inomero 29 bise « BURUNDI : Sortir de l’impasse l’urgence d’un nouveau cadre de négociation) ku rupapuro inimero 7. N’ukuvuga rero ko umunsi hazoba hageze ko ihonyabwoko riherahezwa, abasoda b’igihugu bazorwana n’abo ba C N D D na PALIPEHUTU bitwa ko bari mu gisoda c’igihugu abandi ba CNDD na PALIPEHUTU bari mw’ishamba bace barengera mu banyagihugu b’abatutsi n’abahutu batabemera bateme batongore ata muntu n’umwe ashobora kubatabara.Muri urwo rugamba rwo kumara abatutsi,ba ba FDD na ba ba FNL bitwa aba gardiens de la paix nibo bazoba bafise urahara ruhambaye nka rumwe rwari rufiswe n’interhamwe z’iRWANDA mu 1994. 

4. Kwaka ububasha igisoda c’UBURUNDI bwo gucungera inzego n’ubuzima  bw’igihugo hamwe n’abanyagihugu.

     Umuntu ariko arumviriza ivyo FRODEBU na Somambike bayo basaba kugirango hashirweho  ico bita inzego mfatakibanza ,aca abura ico afata n’ico areka, akabura iyo aja n’iyo ava. Eka arabura ayo acira nayo amira, akabona koko ko UBURUNDI bwagurishijwe bwuma. Iyo naho yumvise ivyo BUYOYA asaba ico yita ibihugu bigenzi vy’UBURUNDI aca ata umutwe.  

    FRODEBU isaba ko mu BURUNDI hoza inteko mvamakungu zingana ibihumbi bine bivuye muri afrika yepho ( Afrique du Sud ), Sénégal, NIGERIA na GHANA) zije gukingira abanyagihugu n’abategetsi batemera igisoda c’UBURUNDI. FRODEBU irongera igasaba ko hoshirwaho igisoda kigizwe n’abantu ibihumbi cumi , ibihumbi bitanu bivuye mu gisoda c’igihugu n’ibihumbi bitanu bivuye muri CNDD na PALIPEHUTU. Abo rero ngo nibo boba bajejwe gukingira inzego z’igihugu n’ibibanza bikomakomeye vy’igihugu. Mbega none ko abo basoda mvamakungu bazoba bajejwe gukingira inzego n’abanyagihugu, abo basoda ibihumbi cumi bakaba bazoba bajejwe gucungera inzego n’ibibanza bikomakomeye, none abandi basoda b’igihugu bazokora iki ? MBEGA UMUNSI PALIPEHUTU na CNDD bazokwiyadukiza bahonya abatutsi n’inde azoja gutabara ? Mbega ko mu masezerano y’i ARUSHA bavuga ko. Umukuru w’igihugu we nyene ariwe ashobora  guha uruhusha intwaramiheto z’igihugu ngo zikoreshe inguvu mu gutabara abanyagihugu, umunsi FRODEBU-CNDD na PALIPEHUTU biyadukije bahonya abatutsi, ni Domition NDAYIZEYE na BUYOYA bazoha uruhusha izo ntwaramiheto ngo zije kurwanya FRODEBU na PALIPEHUTU ? 

      Ivyarivyo vyose, biraboneka neza ko intwaramiheto z’UBURUNDI ziriko zirabohwa bikwiye kugirango ejo ntizize zibe zigisubira gushobora gutabara abatutsi. Umugambi wa FRODEBU wo gusenyura igisoda c’UBURUNDI kugirango gisubirirwe n’intekomvamakungu hamwe na CNDD na PALIPEHUTU hanyuma intagondwa z’abahutu zibone guhonya abatutsi ata ntambamyi iriho  uratevye ararangutse.  

    Uwo mugambi wa FRODEBU wari warananiye NDADAYE  kuwushira mu ngiro. Wari warananiye NTARYAMIRA. Urananira NTIBANTUBANGA, none ehe raba BUYOYA we nyene niwe ashoboye kuwushira mu ngiro. Uwo muntu, kubera ubutwari bwiwe, araberewe no kuronka impera ijanye n’ivyiza yakoreye UBURUNDI.

5. Gusambura ubutungane buhagarikiwe n’abarundi b’umutima kugira ngo busubirirwe n’ubutungane buhagarikiwe n’abagize ihonyabwoko.        

Mu vyo FRODEBU yasaba ikija muri bimwe bita ibiganiro vy’amahoro vy’i ARUSHA hari mwo ikibazo co guhindura ubutungane. Mbere baranasaba kandi n’ubu bakibandanya ko abaphungiwe ivya politike borekurwa. Abo nabo ngo ni bamwe bagira ihonyabwoko bw’ abatutsi kuva italiki 21 gitugutu 1993. Abandi nabo ngo n’abafatiwe muri yamigwi y’ihonyabwoko yo muri CNDD na PALIPEHUTU. Ivyo rero kugirango bishoboke n’uko abahora bahagarariye ubutungane babogozwa ngo kuko bagwiriyemwo abatutsi ; kandi ngo intahe yabo icira inkonda nk’uko NTIBANTUNGANYA  yahora avyivugira  acitwa ngo n’Umukuru w’igihugu.  

            Icifuzo ca FRODEBU na PALIPEHUTU n’uko ubutungane bwohagararirwa n’abanywanyi babo kugirango bashobora gupfunguza abanywanyi babo bagize ihonyabwoko canke bafatiwe muri ya migwi ya CNDD na PALIPEHUTU. Ivyo nivyashika nta  muntu n’umwe yagize ihonyabwoko azosubira gupfungwa canke ngo aronke ikindi gihano.  

            Mbere n’ubu, kuva habaye ico bise partenariat entre le Gouvernement et l’Assemblée nationale hariho icaciye gihinduka mu butungane bw’igihugu na cane cane hano hono i BUJUMBURA. Kuva ico gihe, umushikirizamanza mukuru wa Repubulika (Procureur Général de la République) yaciye ahindurwa bashiraho umunywanyi wa FRODEBU yitwa NGENDABANKA Gérard. Muri Cour d’appel y’i BUJUMBURA ari naho hasasa sentare rubamba icira imanza abakozi ivyaha bihambaye nk’ivyo kwica, baciye bahashira umuntu wabo yitwa GACUKO.  

         Kuva ico gihe, abantu batari bake bagize ihonyabwoko birirwa bararekurwa canke bagacirirwa ibihano ataco bisa bisana  n’ivyaha bakoze. Eka namwe muribuka amabi ba Gouverneurs ba MUYINGA na BUJUMBURA-RURAL bakoreye abanyagihugu bari bajejwe muri gitugutu 1993. Abo bose ubu bararekuwe, bari mu mwidegemvyo ntangere abo batwara nabo bariko bavundira mu kuzimu.

6. Gusubiza ubutegetsi bwose FRODEBU n’abo basangiye umugambi w’ihonyabwoko. 

Kuva NDADAYE Mélchior agihitanwa n’urwo yari yateguriye abandi gushika n’uyu munsi , abafrodebu, bakoresheje abagwanyi babo bo muri CNDD na  PALIPEHUTU, baguma bahonya abatutsi bitwaza ngo nibo basenyuye « Démocratie » yabo. Baguma bavuga ngo ntibazohagarika ingwano, Leta itabashubije kubutegetsi, ngo ibasubize démocratie yabo. Eka n’ibiganiro vy’i ARUSHA ntakindi vyarondera atari ugusubiza  ubutegetsi bwose FRODEBU kugirango  ironke ingura zikwiye zo guheraheza ihonyabatutsi. None ya ntsinzi igira kabiri FRODEBU yaraye iyishikiriye . BUYOYA yaraye abashikirije  ubushikiranganji bwose bukomeye muri kino gihugu ari nabwo intwaro nyakuri itegerezwa guhagararako. Yaraye abashikirije, iruhande y’umukuru w’igihugu , ubushikiranganji 14 ku bushikiranganji 26 buzogira leta mfarakibanza. Ubwo nabwo ni ubu bukwirikira :

1. Ubushikiranganji bw’Intwaro ya hagati mugihugu n’mutekano

2. Ubushikiranganji bw’ubutungane

3. Ubushikiranganji  bw’ubudandaji, amahinguriro n’ingenzi

4. Ubushikiranganji bw’ ibikorwa vya Leta

5. Ubushikiranganji bwo gutwara ibintu n’abantu, amaposita no guhanahana amakuru  

6. Ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine  

7. Ubushikiranganji bwo kuringaniza amatongo n’ibidukikije

8. Ubushikiranganji bw’intwaro ibereye no kudandaza amashirahamwe ya Leta  

9. Ubushikiranganji bw’indero  

10. Ubushikiranganji bw’abakozi ba Leta  

11. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu 

12. Ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama  

13. Ubushikiranganji bwo guteza imbere abakenyezi  

14. Ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru.  

          Iruhande y’ubwo bushikiranganji, abanyagihugu barakwiye kumenya ko umukuru w’ibanki Nkururu ya Republika (BRB), Umushikiriza manza mukuru wa Republika hamwe n’Umukuru wa sentare isubiramwo imanza ikaba ishashemwomo na sentare rubamba ya hano i BUJUMBURA bazova muri FRODEBU.  

       None iyo ubutungane bwose  ubushikirije abagize ihonyabwoko, uba ushaka gushika kuki ? Iyo intwaro yo hagati mu gihugu n’umutekane ubishikirije abagize ihonyabwoko, uba wifuza gushika kuki ? Iyo ivyerekeye  ibikorwa vya Leta,gutanga ibibanza vyo kwubaka mwo no gutanga amatongo ubishikirije abifuza gusohora mu matongo no mu mazu abatutsi uba  wifuza gushika kuki ? Iyo amashure uyashikirije abifuza kuyahagarika no kuyasambura uba wifuza gushika kuki ?  

        Muri make biraboneka neza ko imigambi yo gufuta abatutsi muri kino gihugu yose yamaze gufatwa. Igisigaye ni kumenya umunsi w’iharahezwa ry’ihonyabwoko bw’abatutsi.   

         None ko mu kirundi bahora baca  imigani ngo ibuye riserutse ntiriba  ricishe isuka,ngo ikuburiye ntikurya, ngo ikiburirwa kigapfa n’impene  gusa, tweho twokora iki kugirango ya seganya NDADAYE yatwemerera ntiduhitane ?  

             IV  Icokorwa n’abarundi b’umutima na cane cane urwaruka kugirango ihonyabatutsi rihagarikwe. 

Ihonyabatutsi ryateguwe na FRODEBU kuri NDADAYE n’ubu rirabandanya. Muri gitugutu 1993, iryo honyabwoko ryahagaritswe n’intwaramihoto z’ Uburundi. Mu minsi iza naho igisoda c’Uburundi kizobna casambuwe, umutekano w’abanyagihugu uzoba ucungerewe n’inteko mvamakungu hamwe na ya migwi yagira ihonyabatutsi ubuhizi.

Nta musoda w’Uburundi azoba agishobora guhagarika iryo honyabwoko. None ni nde azotabara abatutsi ?

None ga abatutsi n’abahutu b’umutima bokora iki kugirango ico kiza gihagarare ?

a) Ku vyerekeye abantu bakuze  

1. Ica mbere cokorwa n’uko abatutsi bohagarika guharanira inda zabo bagashira imbere kugwanira ukubaho kwabo (la survie).

2. Ica kabiri cokorwa n’uko abatutsi bokwikuramwo ubudumbidumbi bw’amacakubiri y’intara bakamenyako imbere y’abicanyi ata mututsi w’i NGOZI ,w’i MAKAMBA, wo mu KAYANZA, w’IBURURI ,w’i MUYINGA ,w’i MURAMVYA, wo Mu RUTANA , w’i GITEGA canke w’ i MWARO abaho.  

Imbere ya FRODEBU umututsi yitwa umututsi naho yoba ava muntara imwe n’uwo mwicanyi. Nukuvuga ko umututsi uwariwe wese utaravye intara avamwo aruwo kwica gusa.  

 3. Abatutsi bose barakwiye kurengera  imigambwe barimwo, bakamenya ko igihe turimwo atari ico guhiganwa canke co kwitoza, ahubwo arico kurwanira ukubaho kw’umw’umwe wese, igihe co kuvira hasi rimwe tukarwaniriza umwansi hamwe kugirango twikingire ihonyabwoko.

Imigambwe yose idashigikiye ihonyabwoko, ikwiye kuja hamwe idatevye ikagira ico nokwita mu gifransa « Front de résistance contre la mort collective ou contre le génocide ».  

4. N’ugushira ubwoba, ntihagire uwusubira gutinya umunyororo canke      gukubitwa kuko umupanga,umuriro canke urusase ntaco bisa bisana n’uwo munyororo canke izo nkoni.  

     b) Ku vyerekeye urwaruka.

Kuva na kera na rindi ibihugu vyose vyamye bitabarwa n’urwaruka.No mu Burundi niko vyamye bigenda, kandi nta na révolution ishoboka urwaruka rutarimwo. None mbega urwaruka rw’iBurundi rwaroye hehe ? Rwanyoye umuti witwa ngwiki ? None n’ukuvuga ko rutabona ko igihugu cahejeje kurwa mu gutembagara ?

  Niko Leta ntaco idakora kugirango irusinzirize, irubuze kubona ko igihugu kiri ku manga. Yamara ntivyumvikana na gatoya ko n’urwaruka rwo muri Kaminuza rutabona ko igihugu kiriko kiraja mu manga.

                   Nashaka  ngaha gusemerera. Gusemerera kuko amazi ariko ararenga inkombe niyaba atamaze  kuzirengera. Nagomba gusaba urwaruka, na cane cane urwo muri Kaminuza no mu mashure yisumbuye ko rwokoranira hamwe hamwe,rukarengera ivyoba birutandukanya vyose kugirango rutabare igihugu. Hariho amashirahamwe menshi y’urwaruka, yaba aya J.R.R., AMASEKANYA n’ayandi. Nashaka gusaba ayo mashirahamwe yose ko yikoranira hamwe muri inominsi kugirango yigire hamwe uburyo burashe bwo gusenyura Leta y’abicanyi bagize ihonyabwoko ubuhizi. 

                  Urwaruka rumaze gukoranira hamwe, abakuze, imigambwe, « ama syndicats » n’ayandi mashirahamwe bamaze gukoranira hamwe bose, bakarengera inda zabo n’ibindi vyose vyobateranya canke bikabatandukanya, nta nkeka ko iyo Leta y’abicanyi izoheza igasenyuka, ihonyabwoko naryo rikabona guhagarara. Ivyo bitabaye kandi mu minsi ya vuba, muraca mutegura amazosi yanyu muyashikirize FRODEBU iyaringanize kuko nta kindi kizoba gisigaye.  Ariko ico mwoba muramenya co n’uko nk’uko vyagenze mu 1993,imipanga iriko iratangwa mu ba nyagihugu no mu ntara zimwe zimwe nka za RUTANA, RUYIGI n’ahandi,kandi ko n’interahamwe z’iBurundi arizo Leta yita  « les gardiens de la paix » ziteguriye bikwiye guheraheza. 

MUKOZE.  

Retour