RUGAMBA-NET PRESS

http://www.cbinf.com/netpress.bi


IJAMBO UMUKURU W'UMUGAMBWE UPRONA,

KAROLI MUKASI, ASHIKIRIJE ABARUNDI, ABIPFURIZA UMWAKA MWIZA WA 2001

_______________________

 

 

Badasigana,

Barundi,

Barundikazi;

 

Ni tugire amahoro, Ubumwe,

n'Umugambwe w'Abadasigana UPRONA.

 

Umwaka w'ibihumbi bibiri urarangiye. Dutanguye umwaka mushasha wa 2001. Tubipfurije ko wobabera muhire, cane cane ubere Uburundi isango ryo gutsindira intwaro irangwa n'amahoro, ubumwe, intahe n'ingingo.

 

Umwaka uheze, Abarundi n'amakungu bari bawakiranye igishika, kuko bari bawuzeyemwo vyinshi. Nka bose bagira bati hari aho woturutira iyindi, abavyeyi bagasubira bagaheka.

 

Tumaze imyaka n'iyindi mu makuba, kuva aho umugambwe Frodebu n'iyindi mirwi bicuditse mu caha c'ihonyabwoko birara mu Batutsi n'abandi badasigana bagatema bagatongora, bakica abakuze, abatama n'abatamakazi, bagasekura ibibondo, imisore n'inkumi bagaturirira mu matanure, bagafomoza inda, eka bagakora ishano ryose ryabashobokeye…

 

Nk'uko Abarundi bose babibonye, ihonyabwoko ryarateguwe, ririgishwa, ibara rigwa abagabo basemerera, intwaro yariho ico gihe ikica amatwi nk'uko bimeze muri kino gihe.

 

Intwaro yabandanije yiziziwe mu mpande zose n'umugambwe Frodebu; ubwicanyi bw'ihonyabwoko n'ayandi mabi yose bijanye vyarakomeye, na cane cane kubera Petero BUYOYA yatoranye abagize ubuhizi ubwicanyi n'ihonyabwoko akabubakirako, akabagira inkingi nshingiro y'inzego zirongoye igihugu.

 

Ikinyoma n'ubusuma vyarasasiwe indava, bigigwa ubuhizi na cane cane mu bategetsi.

 

Urwo rutavanako rw'ubuhemu mu bategetsi ni rwo rwirirwa rurahekura abavyeyi, ni rwo rwateye inzara, ubukene n'ayandi mabi yiziziye Uburundi.

 

Ivyo ni vyo Abarundi bipfuza ko bihinduka.

 

Kuva kw'igenekerezo rya 25 Mukakaro 1996, Abarundi bari biruhukije aho Umugambwe UPRONA utereye ivyatsi intwaro ya Frodebu yari irongowe na NTIBANTUNGANYA, kubera akabi k'ihonyabwoko bakoze n'ubundi bubegito na cane cane gusubiza igihugu mu buja aho biruka i ARUSHA kurarika inteko z'abanyamahanga ngo zize gutera Uburundi.

 

Abarundi bari biruhukije kandi kubera ko, muri uko kwezi nyene, ISHIRAHAMWE MPUZAMAKUNGU ONU ari ho ryatangaza icese ko umugambwe Frodebu wagiriwe n'icaha c'ihonyabwoko ry'Abatutsi wakoze kuva muri gitugutu 1993. Ivyo biri muri raporo n° S/1996/682.

 

Ariko ntibwakeye kabiri, aho guharira ivomo n'ugufuta uwo murwi w'abicanyi wiyita ngo ni umugambwe, Petero BUYOYA yaciye asubira kuwusasira indava, awushira mu mugongo arazengazenga ati "NTIHAGIRE UNKORERA KU MWANA", yiha umugambi ugayitse wo gusambura Umugambwe w'Abadasigana UPRONA, uwugize ngo aramutesha agakurwa mu kazi canke agatabwa mu mvuto.

 

Iyo ngeso ni yo yaraye isubiriye guta igihugu mu kaga. Ni mwirabire namwe ikinogo abagiye i ARUSHA bimbiye Uburundi n'Abarundi babesha ngo bagiye kuzana amahoro:

 

1° Abarundi ntibaserukiwe i ARUSHA. Abagiye i ARUSHA bitwaje ngo baserukira ubwoko, biyita Abahutu abandi biyita Abatutsi, ariko bavugira inda zabo gusa.

 

2° Abatwara Uburundi muri iki gihe n'abasavyi babo bihaye guhonyanga intahe y'Uburundi n'ugutsimbataza ubwicanyi n'ihonyabwoko mu gihugu, aho kwamirira kure icaha ico arico cose, na cane cane icaha c'ihonyabwoko.

 

3° Igihugu caragurishijwe amenya gisubira mu bukoloni, kirakwa intahe y'ukwikukira; ubu gisigaye gitwarwa n'umunyamahanga yitwa DINKA, kurya kwa wa mubiligi HARUWA wa kera. Uwo DINKA, hamwe n'umurwi arongoye, ni bo bashinzwe umugambi wo gusubiza igihugu mu buja no mu yandi mabi, nk'uko vyateguwe mu buhemu bw'i ARUSHA.

Umviriza namwe ibintu bisigaye bitegekwa n'abanyamahanga mwumve ko katabaye!

Uwo murwi ni wo utegura ibwirizwa nshingiro, ukaryemeza, n'aho Abarundi boba baryanse (protocole II, chap II, art 15, point 7);

Ni wo ushinga Leta;

Ni wo wonyene ushinga itariki n'umunsi Inama Nshingamateka na Leta bitegerezwa gushirwaho;

Ni wo ucungera ugashira ku rutonde amatungo yose ya Leta afise igiciro kingana amafaranga y'abanyamerika 250 (ayo mafaranga ntiyovamwo n'intebe yo mu biro vy'umukozi mukuru wa Leta) (protocole II, chap.2, article 15, point 6);

Ni wo wonyene uhindura amategeko aringaniza akazi n'imishahara y'abakozi ba Leta. Ni wo ushinzwe gutanga akazi n'ukuduza amapete mu kazi ka Leta (ubu nta muntu n'umwe akironka akazi muri Leta canke ngo aduzwe igarade atabihawe n'umunyamahanga);

Ni wo ushinga ko inzu za Leta zigurishwa, ingene bashorera Leta, n'ingene inzu zayo zicungerwa canke zisanurwa (Protocole II, chap 2, art. 22, point 8);

Uwo murwi ni wo utanga uruhusha rwo gukurikirana inkozi z'ikibi mu masentare;

Ni wo ucungera ibikorwa vyose vya Leta ukanayitegeka.

None mwumva intahe y'Uburundi isigaye igihagaze kuki?

4° Kubera Uburundi butakigira uburamutswa, inama yabereye i Paris mu BUFARANSA, ku magenekerezo ya 11 na 12 Kigarama 2000, yashinzeko ko amahera ahawe igihugu, kandi ari ayo kizokwishura, atazorabwa na Leta; azoshikirizwa yongere akoreshwe n'amashirahamwe y'abanyamahanga.

5° Buca kandi haseseka inteko z'abanyamahanga zije gukandamiza Abarundi ngo bemere ku nguvu intwaro yorora ihonyabwoko n'ubundi bwicanyi biturutse i ARUSHA (protocole III, chapitre 3; protocole V, article 8).

6° Abagiye i Arusha bashinze ko igisirikare c'Uburundi gicibwamwo kubiri, igice kimwe kikiganzirwa na ya mirwi ya Frodebu yatoranye ihonyabwoko. Kugirango iyo mirwi yirirwa irasya itazambaye iheraheze ihonyabwoko ata nkomanzi, abagiye i ARUSHA guhemukira Uburundi bategetse ko, imbere yo gusambura ico gisirikare, intwaramiheto z'igihugu zisubira mu makambi, igihugu gisigare ciganziwe n'iyo mirwi (protocole III, chap.3, article 27, points 2&7).

 

Badasigana,

Barundi,

Barundikazi,

 

Ivyakorewe i ARUSHA vy'ubuhemu ntawobivuga ngo abimare. Utwo twari uturorero gusa. Ariko umudasigana aho ari hose, umurundi wese, eka n'umunyamahanga akunda iki gihugu ntiyokwihebura ngo ate yomoke. Kuko Uburundi bwaribarutse, burarera, buraramura Abarundi b'umutima, bamize akabuye k'abagabo, kandi bemeye kwigura igihugu.

 

Abarundi twese dutegerezwa kugwanya tutiziganya ubwo buhemu bwimonogoje buva i Arusha canke ahandi. Ni twebwe kandi dutegerezwa gusubiza iteka, intahe n'ingingo Uburundi.

 

Ni co gituma ubuhemu bw'i ARUSHA butegerezwa kurwanywa kubera imvo zikurikira:

 

1° Nta gihugu na kimwe gishobora kuramutswa umugambwe wamaze kwagirwa n'icaha c'ihonyabwoko. Abarundi bose baravyiboneye, ishirahamwe mpuzamakungu ONU riravyemeza muri raporo S/1996/682 yo ku wa 23 mukakaro 1996, umugambwe Frodebu n'abafasha bawo baragiriwe n'icaha c'ihonyabwoko. Kurya umugambwe "MRND" wo mu Rwanda rwa HABYALIMANA n'umugambwe "NAZI" wo mu Budagi bwa HITLER yafuswe, ni ko Frodebu itegerezwa gufutwa.

 

2° Amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi yatowe n'Abarundi bose bakayagira indahiro ntarengwa yariyamirije imigambwe ihagaze ku bwoko, kuri mpinga yanje canke ku bindi vyose bivangura Abarundi. Abahutu n'Abatutsi ntibigeze rero bagira inama ngo barungike ababaserukira i ARUSHA. Tubaye turaretse n'ivyo, nta bwoko na bumwe bwari kwemera guserukirwa n'abakoze akabi k'ihonyabwoko, abicanyi, abasuma n'izindi nkozi z'ikibi.

 

3° Mu Burundi amahoro yamye ahungabanywa n'imirwi yagize ubuhizi ihonyabwoko hamwe n'intwaro gito ziyishigikira. Inyigisho z'ihonyabwoko hamwe n'imirwi yarikoze bitaranduranywe n'imizi, nta mahoro azoboneka mu Burundi. Igihe ihonyabwoko rizoba ririko riragwanywa bimwe biboneka, ni ho n'izindi nkozi z'ikibi zizoshobora guhanwa, intahe n'ingingo bigasubira kwubahirizwa mu Burundi.

 

4° Icaha c'ihonyabwoko ntikizimangana kandi ntikigirirwa ikigongwe. Naho intwaro ya Petero BUYOYA yagerageje kwisamaza no gusamaza Abarundi n'amakungu kuri ico caha, nihaboneka Leta ikunda igihugu, Uburundi buzoronka Sentare Mpuzamakungu ihasha ihonyabwoko, nk'uko n'ibindi bihugu vyagowe nk'uku kwacu vyatevye bikayironka.

 

5° Amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi ni indahiro ntarengwa. Leta ya Petero BUYOYA yaravuguruje Abarundi igirako irahemuka mu kurenga kuri iyo ndahiro: "Nta ntwaro, nta rwego, nta tegeko, nta ngingo n'imwe irekuriwe kuyahindura canke gutera kubiri nayo. Aya masezerano ni indahiro ntarengwa. Umurundi uwo ariwe wese yaba uwuriho canke uwuzovuka azoyarengako, turetse ko azohanwa n'amategeko azoba ahemukiye Uburundi n'Abarundi bose"

 

Iyi ntwaro rero yarahemutse.

 

6° Umugambwe w'Abadasigana UPRONA wamye wiyamiriza ubwo buhemu bw'i ARUSHA. Mu batoranye ubwo buhemu, hariho umugambwe utazwi mu Burundi witwa Union pour le progrès National waserukiwe n'uwitwa Liberiyo BARARUNYERETSE haheze imyaka itatu afuswe mu mugambwe w'Abadasigana. Ntihagire uzohendwa; uwo mugambwe ntaco usa usana n'umugambwe wa RWAGASORE warahiye guhemuka, ukaba nawo usanzwe witwa "Unité pour le Progrès National".

 

7° Umugambwe w'Abadasigana UPRONA dufatanije na "JRR", "UFB", "AC GENOCIDE-CIRIMOSO", "PA-AMASEKANYA", "COALITION CONTRE LA DICTATURE", twarafatanye munda tugira urunani ruharanira amahoro mu kurwanya ihonyabwoko n'ukugarukana intahe n'ingingo mu Burundi. Abarundi batari bake n'amakungu baramaze kubona ko ata yindi nzira y'amahoro ishoboka mu Burundi.

 

8° Uko iminsi ihera niko Abarundi bakanura, bakabona ko intwaro ya Frodebu atawoba agishobora kuyihanganira. Ni co gituma ata murundi yokwihebura, ahubwo tuje hamwe tuduze ico kivi twatanguye.

 

Duteye rero akamo imigambwe, amashirahamwe yo kwiteza imbere, amadini, abakozi, abanyeshure, abasirikare n'abandi benshi tubona bamaze kubona aho ukuri kuri, ngo bijukire iyo nzira yo gusubiza Uburundi iteka, intahe n'ingingo.

 

Inzira rero y'amahoro nyakuri, nk'uko Abarundi bayipfuza, ishingiye kuri izi ngingo:

 

ICO UMUNTU WESE ATEGEREJWE KUMENYA:

 

Ikibazo nyamukuru casinzikaje Uburundi, ni inyigisho n'ububisha bw'ihonyabwoko. Ako karanda ni ko gategerezwa kwicarirwa imbere ya vyose, kakaranduranwa n'imizi.

 

Amacakubiri y'amoko hamwe n'ihonyabwoko si ivyiyumviro vya politike. Ni ivyaha ruhonyanganda bivumwa n'isi yose. Mu Burundi si ho vyokwiganza.

 

Umugambwe Frodebu waramaze kwagirwa n'icaha c'ihonyabwoko. Uwo mugambwe urangwa n'ukwica Abatutsi hamwe n'Abahutu banse gutorana ako karanda k'ihonyabwoko. Kubera ico caha, waramenje, ntugishobora kwitwaza ngo waratsinze amatora, warataye ibanga ry'iyindi migambwe. Utegerezwa gufutwa vyanse bikunze.

 

IMIGAMBI IZORANGURIRWA MU BURUNDI:

 

Gushinga intwaro n'izindi nzego z'igihugu zubahiriza ukwikukira kw'Uburundi,amateka n'amategeko y'Uburundi, amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi, amategeko hamwe n'amabwirizwa mpuzamakungu.

 

Guhagarika ubwicanyi bw'ihonyabwoko n'ubundi bwicanyi bwose bwasinzikaje igihugu c'Uburundi n'ibindi bihugu biri muri aka karere. Ubwo bwicanyi buzotuzwa ari uko abakoze ivyo vyaha bamenyekanye kandi bagahanwa hamwe n'ababatumye, yaba imigambwe canke ayandi mashirahamwe; igihugu n'amakungu babiyamirize, kandi bene iyo migambwe n'ayo mashirahamwe asamburwe, amayira yayo azibirwe, kugirango ntibisubire kuvugwa mu Burundi no muri ibi bihugu.

 

Gukomeza urunani rw'intamenwa mu kurwanya ihonyabwoko kuko ata Murundi n'umwe atasinzikajwe n'ako karanda. Urwo rugamba tuzorukomeza dufatanye mu nda. Aho kuryanisha Abarundi, urugamba rwo kurwanya ihonyabwoko rutegerezwa kuba urwo kubavukanisha.

 

Kurandurana n'imizi inyigisho z'ihonyabwoko, kugira ngo politike yose y'igihugu yame yisunga ko ihonyabwoko n'inyigisho bijanye ari ikizira kikaziririzwa mu Burundi. Uko ni ko amategeko n'amabwirizwa mpuzamakungu abitegekanya.

 

Gushinga amategeko aringaniza ingene imanza zihasha ihonyabwoko zicibwa mu Burundi.

 

Gushinga itegeko rihana abahakana ko mu Burundi habaye ihonyabwoko n'abafata minenengwe ico kibazo.

 

Gushinga amategeko ashira mu ngiro akongera akubahiriza AMASEZERANO Y'UBUMWE BW'ABARUNDI.

 

Gusubiza ijambo Abarundi mu gihugu cose n'ababa mu mahanga, kugira ngo twumvikane ku bibazo nyamukuru bibangamiye Uburundi, tuvyumve co kimwe, twongere dushinge ingene igihugu gitegerezwa gutwarwa hisunzwe intahe n'ingingo.

 

Gushinga ingingo ntabanduka zizokwama zigenga intwaro rusangi nyakuri ibereye Uburundi n'Abarundi zihereye mu kwamira, mu gutuza inyigisho n'ubwicanyi ubwo ari bwo bwose muri politike. Izo ngingo nizo zizoba ishingiro ry'amasezerano ntabanduka kandi ngenderwako atunganya intwaro n'ayandi mabanga yose y'igihugu.

 

Gushinga amategeko agenga abagira Politike, kugira ngo uwo mwuga ntusubire kuba ikuburiro ry'inkozi z'ikibi, abicanyi, imihimbiri n'abambuzi.

 

 

IMIGAMBI TUZOFASHANYA N'IBIHUGU DUHANA IMBIBE:

 

 

Gushira igikumu ku masezerano y'i LUSAKA atomora neza ingene imirwi ikora icaha c'ihonyabwoko ituzwa mu bihugu vyo muri aka karere.

 

Kurarika canke kwitaba inama, gufata canke gukurikiza ingingo zerekeye kwihaniza no kurwanya ihonyabwoko n'ayandi mabi abangamiye ibihugu duhana imbibe.

 

IMIGAMBI TUZOFASHANYA N'AYANDI MAKUNGU:

 

 

Kurarika Abarundi, ibihugu duhana imbibe n'ayandi makungu ngo dufatanye kurwanya ihonyabwoko hamwe n'ibindi vyaha vy'agahomerabunwa.

 

Gutera igikumu ku mabwirizwa mpuzamakungu yose agwanya akongera akihaniza ihonyabwoko. Ivyo bijana n'amategko yubahiriza ayo mabwirizwa.

 

Gushira mu ngiro ingingo zapfunditswe muri raporo S/1996/682 y'umurwi wa ONU waje gutohoza ubwicanyi n'ihonyabwoko vyabaye mu Burundi kuva muri Gitugutu 1993.

 

Gusaba dushimitse tutaruha kandi tutarambirwa Sentare Mpuzamakungu izocira imanza abagize ihonyabwoko mu Burundi.

 

Gushinga ibiro bijejwe kurereka no gutuza inyigisho n'imirwi irangwa n'ihonyabwoko.

 

Gutohoza ubwicanyi n'ibindi vyaha vyose vyasinzikaje Uburundi.

 

Izo ngingo duhejeje gushikiriza ni zo zizoranga intwaro y'ubumwe, intahe n'ingingo. Iryo jambo twaripfunditse hamwe na ya mashirahamwe dusangiye urunani rwo gusubiza intahe n'ingingo igihugu cacu. Iyo nzira ni yo yonyene izotuma Abarundi basubira kwubaka rukaguma kuko atawuzoba ariko ararika gusambura. Ni yo izotuma abavyeyi basubira guheka, Abarundi bagasubira gusangira akabisi n'agahiye, kuko intwaro zibaryanisha zizoba zaciwe mu Burundi.

 

Ico ni co gituma twashimikiye cane ku ngingo zo gutuza, mu ntwaro n'ahandi hose, imigambwe n'imirwi irangwa n'akaranda k'ihonyabwoko.

 

Hariho n'ibindi bibazo vy'inkoramutima bihanze Abarundi. Ntitwavyibagiye. Ni ibibazo vyerekeye Abarundi bahungiye mu gihugu hagati no mu mahanga, ni ibibazo vy'ubutunzi bw'igihugu bwirirwa burasahurwa, ni ubukene n'inzara vyabaye ndanse mu gihugu, amagara y'abantu, imibano, akazi n'ibindi

 

Kugirango ivyo bibazo bitorerwe inyishu, dusavye Abarundi kuvira hasi rimwe bakavavanura n'intwaro ziziziwe n'abagize ihonyabwoko n'ubundi bwicanyi ubwo ari bwo bwose, tubone kurangura imigambi twishinze kuri ivyo bibazo vyose umutima uri mu nda.

 

Turangije iri jambo dusubira kubipfuriza umwaka mwiza mushasha wa 2001. Urababera muhire, ubabere umwaka w'intsinzi y'intahe n'ingingo; maze urugamba rwo guteramira ubumwe, intahe n'ingingo murugire urw'Abarundi bose, Uburundi bushikire vuba intsinzi nk'uko twese tuvyipfuza.

 

Bigiriwe i Bujumbura,igenekerezo 27/KIGARAMA/2000

 

Umukuru w'Umugambwe Uprona.

Karoli MUKASI

 


Retour