
|
|
|
|


|
JAMBO RISHIKIRIJWE ABARUNDI N’UMUKURU W’UMUGAMBWE W’ABADASIGANA KU MUNSI MUKURU W’AHO DUHIMBAZA IMYAKA 40 IRANGIYE UMUGAMBWE UPRONA UTSINZE AMATORA YASUBIJE UBURUNDI INTAHE Y’UKWIKUKIRA (18 NYAKANGA 1961 - 18 NYAKANGA 2001)
|
Badasigana,
Barundi, Barundikazi;
Tugire Amahoro, Ubumwe,
n’Umugambwe w’Abadasigana UPRONA
Imyaka 40 irarangiye Umugambwe w’Abadasigana UPRONA ushikiriye intsinzi mu matora yabaye ku wa 18 NYAKANGA 1961.
Kubera akarangamutima k’Umugambwe w’Abadasigana, iyo ntsinzi yabaye iy’ugusubiza Uburundi intahe, n’iteka vyari vyanyazwe n’ubukoloni. Iyo ntsinzi ni yo yatumye Uburundi busubira kwikukira kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 1962. Niyo yatumye kandi Uburundi bushikira iyo ntahe budasambutse kandi Abarundi badasubiranyemwo nk’uko vyari bimeze mu bihugu bindi vyinshi vyo muri Afrika.
Mu guhiganwa n’iyindi migambwe, Rwagasore n’abo bari kumwe, batoranye kumurikira Uburundi bisunze iteka, ubuntu n’akarangamutima k’igihugu. Bararitse Abarundi kuguma bitwa Abarundi, aho kubacamwo imirwi y’amoko, imitumba n’utundi tudumbidumbi. Batoranye kunywanisha Abarundi, baranka kuba ba karyanishamiryango; bongera bahagararira Uburundi aho gukomera amashi ba kavamahanga.
Iryo ni ryo banga Umuganwa Ludoviko Rwagasore yatoranye mu gushinga Umugambwe UPRONA, ararika Abarundi ati ni munkurikire sinzobata mu rudubi.
Kubera iteka rijanye n’iryo banga, Abarundi baramwitavye, baha intsinzi Umugambwe w’Abadasigana. Rwagasore ahejeje gutsinda, yavumereye ati:
„Uyu munsi hatsinze amahoro, hatsinze iteka n’itekane ry’Uburundi, kuko nyene ahatagira ubukuru nyabwo hatagira iteka, ntihagire n’itekane; ahatagira ubukuru nyabwo ntihaboneka amajambere.
Igitsinze uyu munsi kandi, ni Demokrasi y’ukuri, Demokrasi nk’uko Abarundi bayumva kandi bayipfuza; namwe murazi ko ico Abarundi bipfuza ari ubutungane bw’ukuri.
Abategeka Umugambwe w’Abadasigana bazokwereka abari muri wo k’uwo mugambwe urondera ubupfasoni n’umubano mwiza. Nta na rimwe bazokwemera ko haboneka inshirasoni zityoza iteka ry’Uburundi. Ubukuru twahawe tubwirizwa kubukoresha mu guhumuriza Abarundi bose, mu kugwiza urukundo n’amahoro mu gihugu cacu. Abakuru mu mugambwe w’Abadasigana barakwiye mbere gusumba abandi gutanga akarorero k’ugutekanya igihugu n’ukukigwizamwo umubano mwiza".
Ati „Murazi ico twamye turwanira: twamye turwanira guteza imbere igihugu cacu; ni co gituma Umugambwe w’Abadasigana utazokwigera wemera uwurondera kuwutesha iryo teka!"
Iryo ni ryo banga yasavye zina mudasigana, na zina murundi wese, kubangira ingata.
Ico ni co catumye ahanini Uburundi bwikukira mu mahoro, mu gihe ibihugu nka vyose vyo muri Afrika vyari bihanzwe n’amakuba y’amacakubiri atavugwa.
Ariko umwansi yabugumye ku mugono; Abarundi nabo barasinzira umukondorazosi. Aho gukomeza Ubumwe bw’Abarundi, yo nzira Umuganwa Ludoviko Rwagasore yari yaberetse kugira Uburundi busubizwe intahe, biciyemwo imirwi y’ubwoko, y’intara n’imitumba; ubu igihugu kikaba kigeze ahatemba; tutaravye neza ya ntahe ikaba iriko iraduca mumyanya y’intoke.
Kukaba nkako, kuva igihugu c’Uburundi cikukira, abansi b’Uburundi bamye bashaka kuryanisha abonse rimwe, mukwigisha gutegura n’ugukora ibara ry’ihonyabwoko mu Burundi no mu Rwanda.
Umugambwe UPRONA utaranamara kabiri utsinze, abansi baciye bagandagura Umuganwa Ludoviko RWAGASORE (13 GITUGUTU 1961). Kubera umutima w’Abadasigana n’Umwami Mwambutsa, Uburundi ntibwaguye mw’isanganya nk’uko Frodebu yamenje ikirara mu bibondo, mu batama n’abatamakazi, abato n’abakuze, igakora ishano ry’ihonyabwoko.
Iryo honyabwoko Frodebu yatoranye riza rihama Abatutsi ryahereye mu gihugu c’Urwanda. Mu 1959, ni ho haba ihonyabwoko rya mbere ry’Abatutsi mu gihugu c’Urwanda, rishigikiwe n’intwaro y’Ababiligi. Iryo honyabwoko niryo ryavyaye impunzi za mbere muri Afrika nzima.
Ako karanda ntikagarukiye aho:
Mu 1963, ku ntwaro ya KAYIBANDA mu Rwanda, ihonyabwoko ryarasubiye kwiha inkumbi mu Rwanda.
Mu 1965, ni ho umugera w’ihonyabwoko wanyegetera mu Burundi, imigwi ya mbere yatoranye ihonyabwoko irengera ku batutsi bo mu Bukeye na Busangana iratema iratongora.
Mu 1972, harateguwe, harashigwa no mu ngiro umugambi mubi wo guhonya Abatutsi mu Burundi bwose; biraba mu ntara ya Bururi na Makamba; mu zindi ntara bimenyekana bitaraba. Ni ho abatwara ico gihugu bahagarika ubwo bwicanyi bw’ihonyabwoko, ariko bahava barenga inkombe, Abahutu ataco bazira bakajaniranywa.
Mu 1973, mu Rwanda ubwicanyi bw’ihonyabwoko bwarasubiriye kwimonogoza mu makomine atari make Abatutsi barahahonera.
Mu 1988, mu Burundi, umurwi watoranye ihonyabwoko witwa PALIPEHUTU wavukiye mu Rwanda waratemye uratongora Abatutsi nka bose bo mu makomine ya Ntega na Marangara.
Mu
1991, mu Rwanda, harabaye ihonyabwoko ry’Abagogwe.
Mu 1991, imirwi yatoranye ihonyabwoko yarasasitse inganda mu ntara za Bujumbura
na Cibitoke.
Kuva mu 1993 gushika uno munsi, umugambwe Frodebu warateguye, uraringaniza, urakora akabi k’ihonyabwoko mu gihugu cose. Abahinga barungitswe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU baremeje icese muri raporo S/1996/682 ko habaye ihonyabwoko ry’Abatutsi mu Burundi ryateguwe, rikigishwa rigakorwa n’abayoboke hamwe n’abatwara umugambwe Frodebu gushika no mu makomine (§ 483).
Mu 1994, habaye agahomerabunwa mu Rwanda; ihonyabwoko ryahitanye abantu barenga umuliyoni.
Mu 1995 (22 rusama), i Bukavu muri Kongo Nyangoma Léonard, Prezida wa CNDD, na Bizimungu Augustin komanda w’abahora ari abasoda ba Habyalimana, barateye igikumu ku masezerano y’ugufashanya ingwano gushika ex-Far na FDD batsinze (tubisoma muri raporo ya ONU S/1997/1010, § 47).
Mu 1997 (21 Rusama) mu Cibitoke, ni ho umurwi wa Palipehutu, ariwo FNL urongowe na NIBAYUBAHE Sylvestre na Rwasa Agathon, wasinya amasezerano n’Interahamwe hamwe n’abahora ari abasoda ba Habyalimana baserukiwe na sous-lieutenant Rugira Silas, na Lieutenant Karinganire Boniface, bari kumwe n’umuhuza yitwa Rutayisire Atanase.
Amabi yakorewe igihugu cacu ntawoyavuga ngo ayamare. Tumaze imyaka n’iyindi amahoro ahungabanywa n’imirwi yagize ubuhizi ihonyabwoko hamwe n’intwaro ziri gito. Nk’uko Abarundi bose bavyiboneye, ihonyabwoko ryarateguwe, ririgishwa, rirakorwa na Frodebu izuba ryaka.
Aho gushengeza abo bicanyi, Petero BUYOYA yaciye asasira indava Frodebu n’imirwi bicuditse, abagira ishingiro ry’inzego zirongoye igihugu. Ubu intwaro y’igihugu yiziziwe na Frodebu, imigambi yose irangurwa ni iy’uwo mugambwe wihaye umugambi mubi w’ugusambura igihugu.
Kw’igenekerezo rya 28 Myandagaro 2000, intwaro ya Petero BUYOYA na Frodebu, yarateye igikumu ku vyo bise amasezerano y’amahoro, ayo nayo akaba ata kindi yashize imbere atari:
· Ugusambura Ubumwe bw’Abarundi;
· Ugutsimbataza ubwicanyi n’ihonyabwoko mu gihugu;
· Gusubiza intahe y’ukwikukira;
· Kugomora ingabo zizotera igihugu cacu.
Mu gihe ayo mabi yose yakorerwa Abarundi, Umugambwe UPRONA nawo nyene wariko uracinyizwa canke uhigwa buhongo nko muri kino gihe.
Abansi b’amahoro bamaze kugandagura Umuganwa Ludoviko Rwagasore, baciye baryanisha Abadasigana, babacamwo ubudumbidumbi. Bidatevye, abatware bawusimbirako bawugira igikoresho, babesha ngo bawuhaye iteka ryo kwiganza wonyene mu gihugu, naho ni inzira yo gukoresha izina ry’Umugambwe kugira ngo bahishe amabi yariko akorerwa igihugu.
Nta wohirahira ngo abeshe ngo Umugambwe w’Abadasigana wari wiganje kandi abawurongoye bataba bashizwe imbere n’Abadasigana, n’ivyiyumviro vyabo ugasanga ntibihuye n’iragi rya Rwagasore.
N’ikimenyamenya, n’uko abo bose barongoye Umugambwe UPRONA mu myaka iheze, bakawitwaza kugira ngo ubahe inzira n’icubahiro mu Burundi, batakiwerekwa.
Duhereye ku barongoye igihugu n’Umugambwe: Bagaza yarasezeye UPRONA; BUYOYA ni we agwanya Umugambwe w’Abadasigana gusumba abandi, kubera ko wanse kumukurikira gusasira indava abicanyi n’abakoze icaha c’ihonyabwoko...
Abitwa ba NTIBANTUNGANYA na NYANGOMA bari mu bakuru bateretsweho n’intwaro ya Petero BUYOYA ngo barongore UPRONA, murabona inzira batoranye...
Abandi birutse gushinga imigambwe yindi, ataho ihuriye n’iragi RWAGASORE yaraze Uburundi n’Abadasigana ry’ugukomeza Ubumwe n’iteka ry’igihugu.
Iyo Umugambwe Uprona utagira agatsi k’Ubumwe n’ukwubaha iteka ry’igihugu nk’uko twabirazwe n’Umuganwa Rwagasore, nta wuba akivuga Umugambwe w’Abadasigana...
Abo vyananiye kugumya ibanga rya UPRONA, bavuga ngo Umugambwe UPRONA warashaje. Umugambwe UPRONA ntiwashaje namba, ah’ubwo wasubiye itoto; wikuyeko ubuja bw’intwaro vyari bihitiye. Abahora mu mugambwe w’Abadasigana batemera ibanga ryawo, bagiye kubariza ahandi. Ni co gituma ijambo rya UPRONA ryasubiriye kwemerwa mu gihugu no mu makungu.
Hariho abo iryo jambo rigwa nabi, na cane cane mu bayoboke b’intwaro igariyemwo abatoranye ihonyabwoko, ubwicanyi, ubusuma n’ikinyoma. Abo ni bo birirwa bavuga ngo Umugambwe w’Abadasigana ni Umugambwe w’Abatutsi, ngo Abahutu bari muriwo ni "ivyitso", ngo Abatutsi bari muriwo ngo ni intagondwa, kubera Abadasigana biyamiriza bivuye inyuma ihonyabwoko n’intwaro yatoranye iryo shano.
Ntihagire Umudasigana canke Umurundi vyovuna inkokora. Kuko mu vy’ukuri, urugamba rw’ukurwanya ihonyabwoko rutegerezwa kuba urugamba rw’Abarundi bose, hamwe n’abanyamahanga, kuko ihonyabwoko ari icaha c’agahomerabunwa kuri zina muntu wese.
Ivyo navyo bavuga ngo hariho ivyitso canke intagondwa mu kurwanya ihonyabwoko, ubwo ni ubundi buryo bwo gukingira ikibaba ihonyabwoko; ni ikindi caha gihanwa n’amategeko iyo bariko batuza ihonyabwoko.
Abarundi b’ivyitso rero, ni abo bose mubona, tutarinze kuraba ngo naka ni Umuhutu canke Umututsi,bakingira ikibaba abagirizwa ihonyabwoko, abo ururimi rwagovye, batacubahuka kwamira canke ngo batabaze, iyo inkumbi iriko iragwa; ni abo bose mubona batanguranwa gusasira indava imirwi yakoze ishano ry’ihonyabwoko; ni abo batanguranwa gukoma amashi ngo Uburundi buri mu mugambi w’amahoro bahegekeye abicanyi mu nzego z’igihugu, intahe y’igihugu iriko iranyagwa. Abo ni bo bigize ivyitso vy’ihonyabwoko.
Abadasigana n’Abarundi bose bagifise umutima w’ibanga bomenya ko inzira Umugambwe UPRONA watoranye ari inzira y’iteka. Iyo nzira ihuye n’Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi, ihuye n’amabwirizwa n’amasezerano mpuzamakungu.
Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi yatowe n’Abarundi barenga 90 kw’ijana avuga ati: „ nta ntwaro, nta rwego, nta tegeko, nta ngingo n’imwe irekuriwe kuyahindura canke gutera kubiri nayo. Aya masezerano ni indahiro ntarengwa. Umurundi uwo ari we wese, aba uriho canke uwuzovuka azoyarengako turetse ko azohanwa n’amategeko, azoba ahemukiye Abarundi bose". Leta ya Petero Buyoya yaravuguruje Abarundi bose.
Amasezerano y’ubumwe bw’Abarundi, Amabwirizwa mpuzamakungu ariyamiriza ivyaha vy’ubwicanyi n’ihonyabwoko.
Abagiye i Arusha, Leta ya Petero BUYOYA na Frodebu iri imbere, bararahiye kudoma urutoke ku cishe igihugu ari ryo shano ry’ihonyabwoko. Ubu abashirwa imbere mu nzego z’igihugu ni abatoranye inyigisho z’ihonyabwoko bakabigira ubuhizi, n’ababuze ico bamarira Uburundi bagashira imbere ubwoko, imitumba, n’ibindi bene ivyo.
Abagiye i Arusha barongowe na Leta ya Petero BUYOYA na Frodebu, bashinzeko igisirikare c’Uburundi cocibwamwo kubiri, igice kimwe kikiganzirwa na ya mirwi ya Frodebu yatorana ihonyabwoko.
Ubu buca haseseka kandi inteko z’abasirikare z’abanyamahanga zije gusubira gukandamiza Abarundi.
Ikibabaje kandi Abarundi bategerezwa kwiyamiriza, n’uko Leta ya Petero BUYOYA na Frodebu yasubije Uburundi mu buja. Ubu igihugu gisigaye gitwarwa n’umunyamahanga yitwa DINKA, kurya cahora gitwarwa n’umubiligi yitwa HARUWA igihe cari kikiri mu bukoloni. Ubu hageze kugena umukuru w’igihugu, Abarundi nta jambo bagifise. BUYOYA aho aboneye ko Abarundi bose bamwimye amajwi yaciye agenda gupfukamira MANDELA ngo abe ari we amwimika. Niko vyagenze; igihugu gisigaye gitwarirwa i Pretoria, i Arusha, n’ahandi atari mu Burundi.
None umuti Abarundi bategerezwa kwivugutira ni uwuhe?
Amabi yakorewe igihugu cacu, ntawoyadondagura ngo ayamare. Umugambwe w’Abadasigana UPRONA nawo nyene wararwanijwe, ababeshi, abasuma n’abambuzi barawihishamwo bawubuza gutumbera inzira itazimiza Umuganwa Ludoviko RWAGASORE yari yaciriye Uburundi n’Abarundi.
Ubu, Umugambwe w’Abadasigana UPRONA waramaze kwikurako ibikankara vyawubuza gushira imbere nk’umuzinga. Ubu, Abadasigana n’Abarundi baramaze kumera amagabo, bararemesha urugamba rwo kurwanya ihonyabwoko, gusubiza iteka, intahe n’ingingo igihugu cacu.
Ni co gituma Umugambwe w’Abadasigana UPRONA usubiye gutera akamo Abarundi mu rugamba rwo kugarukira igihugu cacu. Nta gihugu na kimwe gishobora kuramutswa umugambwe wagize ihonyabwoko nka Frodebu ngo kironke amahoro. Abarundi baravyiboneye, ishirahamwe mpuzamakungu ONU iravyemeza muri raporo S/1996/682, umugambwe frodebu n’abafasha bawo baragiriye icaha c’ihonyabwoko. Kurya MRND yo mu RWANDA n’umugambwe NAZI wo mu BUDAGI yafuswe, Frodebu itegerezwa gufutwa vyanka bikunda.
Mu BURUNDI, amahoro yamye ahungabanywa n’imigwi yakoze ihonyabwoko ishigikiwe n’intwaro z’abakunzi b’inda. Tutegerezwa kwiyamiriza izo ntwaro n’ukurandurana n’imizi inyigisho z’ihonyabwoko n’imigwi ikora iryo shano mu Burundi no mu bihugu tubana.
Icaha c’ihonyabwoko ntikizimangana kandi ntikigirirwa ikigongwe. N’aho intwaro ya Petero BUYOYA na Frodebu yagerageje gusamaza Abarundi n’amakungu kuri ico kibazo, Umugambwe w’Abadasigana UPRONA ufadikanije n’Abarundi b’umutima, waremeye icese gushiraho Leta izoshira imbere kurwanya ihonyabwoko, igaca n’inzira y’ugushinga Sentare mpuzamakungu ihasha ihonyabwoko n’ibindi vyaha amakungu atihanganira.
Umugambwe w’Abadasigana UPRONA wamye ari ishingiro ry’Ubumwe bw’Abarundi. Urasubiye kurarika Abarundi bose ngo basubire kwisunga amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi kuko ni yo azodutambutsa.
Igihugu gitewe n’indwara y’amacakubiri kivugwa n’umuti w’ubumwe; ntikivugwa n’ayandi macakubiri.
Ntihagire rero abasubira kwihenda ngo Umugambwe UPRONA woba uharurwa muri ya migambwe yiyitirira ubwoko bw’Abatutsi ngo ni G10, canke irya yindi yiyita ngo iserukira Abahutu, ariyo G7, nayo yuzuyemwo imigwi yakoze ishano ry’ihonyabwoko.
Ntihagire kandi Abarundi basubira kwihenda ngo Abahutu baserukirwa na Frodebu, canke ngo Abatutsi baserukirwa na G10.
Umugambwe UPRONA wamye uri ihuriro ry’Abarundi bose. Abadasigana barasubiriye baravyemanga mu gushinga ingingo yuko bavanguye na Leta n’izindi nzego zose z’intwaro ya Buyoya na Frodebu.
Hariho rero n’abandi bihenda ngo bazorwanya Frodebu, basangiye intwaro. Iyo nzira si iy’Umugambwe UPRONA. Umuganwa Ludoviko RWAGASORE yararahiye kwinjira muri « gouvernement fantoche » nk’iyiriho ubu.
Abamutoranye, turarahiye guha impigi Umugambwe Frodebu wagize ihonyabwoko.
Iyo turiko turiyamiriza Umugambwe Frodebu, ntituba turwanya Abahutu, kuko Abahutu si Frodebu; uwo mugambwe ni akagwi k’inkorabara. Dusaba Abarundi bose ko bomenya yuko ata muntu n’umwe arekuriwe kwikumira iyo havuzwe kurwanya ihonyabwoko. Nta n’umwe ashobora kwitaramura muri urwo rugamba, kuko ihonyabwoko ari icaha c’agahomerabunwa kuri zina kiremwa muntu.
Ikindi bategerezwa kumenya, nta honyabwoko rishobora kuba ritigishijwe. Umuntu umwe ntashobora kwigisha ngo akore ihonyabwoko adafise umurwi, umugambwe canke Leta ivyiyumvira ikabitegura, ikabishira mu ngiro.
Ni co gituma ata wurwanya ihonyabwoko yinyegeje muri Frodebu canke yikinze inyuma y’ubwoko, y’umuryango canke y’umutumba.
Mu kurangiza twagomba dusubire twibukanye ingingo nyamukuru ziri mu masezerano y’Ubumwe bw’Abarundi abagiye guhemuka i ARUSHA barenzeko kandi bazizi, dusabe Abarundi kwama na ntaryo bazishira imbere mu gukomeza urugamba rwo kurwanya ihonyabwoko no kugarukira intahe n’ingingo abansi bagomba kudutwara:
"Dusezeranye kurwanya n’ugutuza ubwicanyi, kandi turahakanye guhonya abandi no kugera ingere ku yindi.
Turahakanye rero ko ubwicanyi buba inzira yo gushikira intwaro, canke y’ukuyizizira.
Turahakanye twivuye inyuma inyigisho canke ivyiyumviro bifatiye ku bwicanyi, n’intwaro zoza zivyishimikije.
Turemeranije kudakingira ikibaba abo bose bitwaje amacakubiri afatiye ku moko, ku ntara, ku muryango n’ibindi;
Uburundi si ihuriro ry’amoko atagira isano, si akagwi k’imitumba ihereranye gusa…
Ni co gituma ata ntwaro ishimikiye ku moko, ku ntara, ku muryango no ku yandi macakubiri ashobora kwubaka Uburundi. Intwaro nk’iyo ihakana akaranga k’Uburundi igasambura Uburundi mu gusobanura abanyagihugu. Vyongeye ntiyubahiriza iteka rya zina muntu, canke umunyagihugu wese. Turahakanye rero abo bose bishimikiza n’abazoza bishimikije ivyiyumviro vy’ugushinga, gushigikira canke kwisunga intwaro nk’iyo.
DUSHINZE KO AYA MASEZERANO ARI INDAHIRO NTARENGWA.
Aya masezerano ni ntabanduka. Abarundi twese tuyashingiye intahe kugira ngo dutsimbataze ubumwe bwacu. Twemeye icese kuzokwama tuyubaha, tuyubahiriza kandi tuyarwanira. Umurundi uwo ari wese, yaba uriho canke uwuzovuka azoyarengako, turetse ko azohanwa n’amategeko, azoba ahemukiye Uburundi n’Abarundi bose. "
Petero BUYOYA ni we yashize igikumu kuri ayo masezerano. Yarongeye kandi ararahira icese imbere y’Abarundi « ko azokwubahiriza amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi,ibwirizwa nshingiro,amateka n’amabwirizwa y’igihugu, ko azokwubahiriza intahe n’imbibe z’igihugu ».
Ubu aheruka kwemeza y’uko « Asavye amakungu n’ama Leta y’ibihugu bibanyi kurungika inteko z’abanyamahanga ziza guhagararira abitwa ngo ni abanyepolitike» bagize ihonyabwoko . Yarongeye aremeza ko amasezerano y’ubuhemu bw’i Arusha azokurikizwa uko yanditswe. Ayo nayo asambura Ubumwe bw’Abarundi, agatsimbataza ubwicanyi n’ihonyabwoko mu gihugu, agasubiza intahe y’ukwikukira, akongera akagomora ingabo ziza gutera Uburundi…
Hariho kandi imvugo tumaze iminsi twumvana uwuheruka kugenwa ngo azobe umukuru w’igihugu, uzoba icegera ciwe n’umushikiranganji wo kwivuna abansi, ngo iyi ntwaro hakagira uwuyikorako, ibara riragwa. Muragabe, iyo mvugo twarabonye ico yavyaye ; itwibutsa ivyo Frodebu na Leta ya Habyalimana bavuga imbere y’uko bakora ibara mu Burundi no mu Rwanda.
Harageze rero ko Abarundi baba maso ntibishinge gukurikira ubwije. Harageze ko Abarundi basubira kwiyunga bagapfundikanya impuzu bisunze amasezerano y’Ubumwe bwabo kugirango basubize igihugu cabo iteka, intahe n’ingingo.
Muri urwo rugamba, ntimutinye, canke ngo musigane mwibaza ko muri mwenyene. Umugambwe w’Abadasigana UPRONA ufatanije na UFB, JRR, AC GENOCIDE CIRIMOSO, PA AMASEKANYA, Coalition Contre la Dictature, twaramaze gufatana mu nda, twishinga gusubiza Uburundi intahe n’ingingo. Abarundi batari bake, eka n’amakungu, baramaze kubona ko ata yindi nzira y’amahoro ishoboka mu Burundi. Ubu na Frodebu yirirwa irasamba igaramye kubera umwotso w’uko yagiriye icaha c’ihonyabwoko. Frodebu isamba ivuga ngo nta mugambwe ugira ihonyabwoko, ahandi naho ngo si yo yonyene yagize ihonyabwoko. Ivy’uko ata migambwe igira ihonyabwoko, irabaza MRND na Parti NAZI iyo zagiye !
Turangije dusubira gutera akamo imigambwe, amashirahamwe, amadini, abakozi, abanyeshule, abasilikare n’abandi benshi tubona bamaze kubona aho ukuri kuri ngo bashire amanga, bijukire iyo nzira y’ugusubiza Uburundi iteka, intahe n’ingingo.
Turashimiye kandi Abadasigana bagumije ibanga, bakarwanira imigambi n’iragi ry’Umuganwa RWAGASORE. Twipfurije Abadasigana n’Abarundi bose Umunsi mukuru muhire, tuwuhimbaze twitegura gushinga intwaro irwanya ihonyabwoko itadidinganya, igasubiza Uburundi intahe n’ingingo.
Tugire Amahoro n’Umugambwe w’Abadasigana UPRONA
BIGIRIWE I BUJUMBURA KU WA 14 NYAKANGA 2001
UMUKURU W’UMUGAMBWE W’ABADASIGANA
KAROLI MUKASI
