http://www.cbinf.com/netpress.bi
ITANGAZO RYO KU WA 20/04/2001
UBURUNDI NTIBWOGUMA ARI IKIRIMBIRO RY'INTWARO MPONYABWOKO !!!
Igihugu c'Uburundi carabaye ikirimbiro ry'abicanyi bo muri ya mirwi ruhonyanganda irangwa n'ihonyabwoko. Iyo mirwi ni ya yindi iriko iratuzwa muri KONGO, ihunga ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y'i LUSAKA muri ZAMBIYA ategeka ibihugu n'amakungu gutuza no gusambura imirwi bene iyo aho iri hose.
Iyo mirwi yahungiye mu BURUNDI kuko ariho honyene ifise ba somambike bagariye muri Leta, mu Nama Nshingamateka, no mu zindi nzego zitwara igihugu.
Iyo mirwi imaze imyaka n'iyindi itema itongora mu mihingo yose y'igihugu. Muri iyi minsi yimonogoje cane cane mu ntara za Makamba, Rutana, Ruyigi, Mwaro, Muramvya, Bujumbura.
Muribuka ko iyo mirwi yagiriraniye amasezerano yo gushishikara gutsimbataza intwaro zisunga ihonyabwoko mu Burundi, mu Rwanda, i Kongo n'ahandi.
* Kw'igenekerezo rya 22 rusama 1995, i Bukavu muri Kongo, umurwi wa Frodebu ariwo CNDD/FDD, userukiwe na Nyangoma Léonard, ni ho wapfunditse amasezerano n'INTERAHAMWE hamwe n'abasoda ba HABYALIMANA barongowe na Chef d'Etat-Major BIZIMUNGU Augustin.
* Kw'igenekerezo rya 21 rusama 1997, mu Cibitoke, ni ho umurwi wa PALIPEHUTU ariwo FNL, urongowe na NIBAYUBAHE Sylvestre na RWASA Agathon, wapfundika amasezerano n'INTERAHAMWE hamwe n'abasoda bahora ari abo kwa HABYALIMANA barongowe na Sous-Lieutenant RUGIRA Silas na Lieutenant KALINGANIRE Boniface, babifashijwemwo n'uwitwa RUTAYISIRE Athanase.
Ayo masezerano yose ategekanya ko bashira hamwe uburyo bwose (imigambi yo kwica, inteko z'abicanyi, amafaranga no gusangira amayira n'imigambi igayitse y'ihonyabwoko).
Amasezerano yo mu Cibitoke aranatomora neza ko, kuva ico gihe, INTERAHAMWE, abahora ari abasoda ba HABYALIMANA, na Palipehutu bisangiye izina rimwe ariryo FNL.
Ipfundikwa n'ishigwa mu ngiro ry'iyo migambi igayitse ryaratangajwe icese n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri raporo yayo n°S/1998/777.
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw'isi yose ari ryo "HUMAN RIGHTS WATCH" naryo nyene ryaratohoje riremeza ko imigwi mponyabwoko i KONGO, mu RWANDA no mu BURUNDI yunze ubucuti kandi ikorera hamwe.
Umugambwe UPRONA urateye akamo Abarundi kugira babe maso, bumve ko ica mbere na mbere kigeramiye igihugu ari intwaro yiziziwe na Frodebu yagize ihonyabwoko ubuhizi; iyo ntwaro nayo ico yashize imbere ya vyose kukaba ari ugutsimbataza iyo mirwi yirirwa iratikiza inganda mu Burundi no mu bihugu duhana imbibe, ibesha ngo iriko irondera amahoro.
Ni co gituma Umugambwe UPRONA usubiriye gutera akamo Abarundi ngo bikureko iyo ntwaro, nkuko amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi abitegeka zina murundi wese: " Dushinze ko ata ntwaro n'imwe, ata tegeko na rimwe, ata ngingo n'imwe bihushanye canke biteye kubiri n'inzira y'ubumwe bishobora kwemerwa mu Burundi. Nta mugambwe n'umwe, nta shirahamwe na rimwe, nta dini na rimwe, nta rwego urwo ari rwo rwose, vyoza vyishimikiza amacakubiri bishobora gushingwa mu gihugu..
Umugambwe UPRONA wamye uburira Abarundi ko iyi ntwaro ata ciza izopfa imariye Uburundi. Ubu abateye akagere Umugambwe wa RWAGASORE birukira ARUSHA, SAN EGIDIYO, LIBREVILLE n'ahandi, ngo bagiye kurangura amahoro, bagarutse bikoreye amaboko.
Ubu tugeze ku ntambwe ishimishije. Dusavye Abarundi ko bogumya ibanga, kuko abemanga icese ko iyi ntwaro itegerezwa guhinduka baguma biyongera uko bukeye uko bwije. Umugambwe UPRONA n'ayandi mashirahamwe (AC GENOCIDE, COALITION CONTRE LA DICTATURE, UFB, JRR, AMASEKANYA), twaragize urunani rwo kugarukana intahe n'ingingo mu Burundi. Hariho n'iyindi migambwe n'amashirahamwe yarahiye ikarengwa ko iyi ntwaro itegerezwa gutuzwa. N'abo yakwegeye i ARUSHA ku nguvu bariko barayitera ivyatsi.
Tworangiza dukebura Abarundi bose ko ata wosubira kujuragirika. Nta yindi nzira izofasha Uburundi kugarukana amahoro tudafatiye ku masezerano y'i LUSAKA, kubera CNDD/FDD, FNL, INTARAHAMWE, abahoze ari abasoda ba HABYALIMANA bamaze gusukiranya uburyo bwose bwo kubandanya ihonyabwoko. Uburundi ntibwokwikumira mu rugamba rwo kurwanya ako karanda.
Abarundi rero bomenya ko intwaro izokiza Uburundi ari iyizoza irwanya ihonyabwoko n'imirwi yatoranye ako kabi. Iyo ntwaro izoba kandi ishingiye ku NTAHE N'INGINGO mu Burundi no mu bihugu duhana imbibe.
BIGIRIWE I BUJUMBURA
PREZIDA W'UMUGAMBWE UPRONA
Karoli MUKASI