
|
|
|
|


INTAHE I BURUNDI N° 5/2002
|
INTANGAMARARA Imyaka 40 irarangiye Uburundi busubijwe intahe y’ukwikukira bwari bwanyazwe n’abakoloni. Ariko, intwaro ya Petero Buyoya na Frodebu yaragurishije iyo ntahe. Ubu igihugu casubiriye gutwarirwa mu mahanga nko ku badagi no ku babiligi. Mu Burundi higanje amacakubiri, inyigisho n’ubwicanyi bw’ihonyabwoko. Leta igariyemwo abatware b’imirwi yagize ihonyabwoko n’ubu ikiriko. Abategetsi birirwa barasahura itunga ry’igihugu, bikwegerako kumwe abakoloni batoza amasake, amagi n’amasoro. Kurya Rwagasore yararitse Abarundi ngo bahabuze intahe y’ukwikukira, Umugambwe UPRONA uteye akamo Abarundi ngo tugarukane intahe n’ingingo twanyazwe n’iyi ntwaro. |
IJAMBO
UMUKURU W’UMUGAMBWE W’ABADASIGANA UPRONA,
KAROLI MUKASI,
ASHIKIRIJE ABARUNDI
KU MUNSI BIBUKA
IMYAKA 40 IHACIYE UBURUNDI BUSUBIJWE INTAHE BWARI BWANYAZWE
Barundi, Barundikazi,
Imyaka 40 irarangiye Uburundi busubijwe intahe n’ijambo mu makungu twari twanyazwe n’abakoloni kuva igenekerezo 6 ruheshi 1903, aho Abadagi bigarurira Uburundi biciye mu masezerano yatereweko igikumu i Kiganda (Traité de Kiganda).
Igenekerezo rya 1/7/1962 ni umunsi utazibagirwa, kuko uwo munsi ni ho Uburundi bwasubizwa intahe n’ijambo bwari bwaranyazwe. Iyo ntsinzi twayihawe n’Umuganwa Ludoviko Rwagasore yashinze Umugambwe w’Abadasigana, akereka Abarundi inzira y’urukiza.
Uyu munsi uri hejuru ni inkoramutima ku Barundi bemeye kuja hamwe ngo basubize Uburundi intahe n’ingingo vyanyazwe n’intwaro ya Petero Buyoya na Frodebu.
Iyo ntwaro yarahemukiye Abarundi, isasira indava icaha c’ihonyabwoko. Nta gihugu na kimwe kigifise intahe n’ingingo coba kikiramutswa umugambwe nka Frodebu wasasitse inganda ugatemagura ibibondo, ugafomoza abavyeyi bibungenze…
Kubera ubuhemu bw’iyo ntwaro, ubu umukuru w’igihugu atorwa n’abanyamahanga, agatorerwa mumahanga. Igihugu caratewe n’inteko zo mu mahanga. Uwitwa Berhanu Dinka ni we atwara igihugu c’Uburundi kumwe umukoloni JP Harroy yari ameze.
Intwaro ya Petero Buyoya na Frodebu ntiyagurishije intahe y’ukwikukira gusa. Yarataye nk’akanuka Amasezerano y’Ubumwe bw’Abarundi. Ubu igihugu caraciwemwo imice y’amoko, mpinga yanje, n’utundi tudumbidumbi.
Ubu abana b’Uburundi bamaze amezi abiri yose bugaraniwe mu mazu, batiga, bivuye ku bugunge n’ubukunzi bw’inda bwimonogoje mu batware no mu ntwaro.
Aho gutega amatwi abigisha, abanyeshule n’abavyeyi, ngo baronderere hamwe uburyo bw’ugusubiza agateka umwuga w’abigisha, leta ya Petero Buyoya, Frodebu n’abayoboke bayo biraye mu bana bararasa, bongera amafaranga abatayabasavye bataraninjira muri uwo mwuga, bene gusaba ijambo barariniganwa nk’uko vyama kuri iyi ntwaro.
Twagomba tumenyeshe Abarundi n’amakungu ko ikibazo c’abalimu catewe n’iyi ntwaro.
Ubwa mbere: iyi ntwaro vyarayinaniye gushira imbere imigambi iranga ibindi bihugu iyo biri mu ngwano. Aho kwegeranywa, itunga ry’igihugu rirasanzazwa; rikiharizwa n’akagwi k’abari ku butegetsi, bahiganwa gusahura, kwirirwa barayerera mu mahanga basize bogeje ibigega, no kwiha imishahara y’umurengera, abandi Barundi batubitse umukanda.
Ubwa kabiri: Iyi ntwaro yirirwa irashiraho inzego z’umurengera, ata kindi zimaze atari kugwiza abahembwa amafaranga atavugwa, ataco bariko barakora, nk’abitwa abashingamateka n’abakenguzamateka, umushahara w’umwe umwe wohemba abalimu 20. Abo bashingamateka bahora ari 81, ubu barenga 160. Hongewemwo abakenguzamateka, bose hamwe baca barenga 200, Uburundi bukaba buri mu kunganya n’ibihugu vya rutura nka Amerika bitarenza 500.
Ubwa gatatu: Leta ivuga ko itagira amafaranga y’uguhemba abigisha abana b’Uburundi, ariko igahemba imishahara y’umurengera abatware b’imirwi ata kindi yakoze atari ihonyabwoko n’ubu yirirwa irahekura Uburundi.
Ubwa kane: Aho gutorera umuti ikibazo c’abalimu, leta yaravyunyuye, ija mu vy’ukubaryanisha, n’ukwingingira imishahara abatayisavye, bataraninjira mu kazi k’ubwalimu, abayasavye bariko baratukwa ngo bakoreshwa n’imigambwe yanse kujana nyabahururu I Arusha.
Amabi iyo ntwaro ikora si ayo gusa. Muribuka ko yagerageje gusambura Umugambwe w’Abadasigana Uprona ngo higanze frodebu; ariko vyarayitaye ku w’amazi. Ubu Umugambwe UPRONA ukora icese kugirango iyo ntwaro ihave, Abadasigana n’abo basangiye ibanga bashinge intwaro yubahiriza igihugu, izogarukana intahe n’ingingo Uburundi bwanyazwe n’intwaro ya Petero Buyoya na Frodebu. Ni co gituma turaritse Abarundi bose ata n’umwe yikumiriye ngo bikure intwaro yasubije Uburundi mu buja, bitegurire gushinga intwaro yemeye kugarukana intahe n’ingingo.
BIGIRIWE I BUJUMBURA
KU WA 1/7/2002
