
|
|
|
|

|
VII
ème Semaine d’information et de réflexion
sur le Génocide. « Les
responsabilités historiques du pouvoir en place ». (« Ubutegetsi bw’iki gihe buzobazwa vyinshi imbere y’Imana n’abantu »).
|
Intangamarara.
Imbere y’uko turabirahamwe ivyotwagiriza ubutegetsi buriho ubu, ari
navyo vyatumye abarundi batogorora ahubwo baguma batera baja inyuma, nagomba
kubanza gushimira ishirahamwe A.C. Génocide, CIRIMOSO ryashimye ko dusangira
ijambo nakare ikituraje ishinga ni kimwe : ihonyabwoko ryatse indaro i
Burundi. Ico ciyumviro nashatse ko tuganirako mwese uko muri ngaha murafise ico
mukivugako kuko ni bimwe twama tuyaga kenshi kuko tubibona iminsi yose, ariko
nkipfuza ko uyu munsi dupfundika ijambo rimwe ry’ico tugiye gukora kugirango
ivyo vyose twagiriza ubutegetsi ntitubigumize mu minihiro n’imyidogo gusa.
Ubutegetsi
bw’iki gihe buzokwama bwagirizwa iki ?
Ubutegetsi bw’iki gihe bwagirizwa vyinshi. Imyaka 14 irarangiye
abarundi batabona neza iyo baja n’iyo bava, batabona inzira bereka abana babo.
Ivyo na vyo bitumwa n’ivyaha bikomakomeye abategetsi bo muri iyo myaka
bakoreye abarundi, ibikurur bikuru navyo bikaba ari ibi :
Icaha c’ihonyabwoko.
Ihonyabwoko
ryugarije Uburundi kuva 1988 gushika uyu musi kandi uko ndabibona ntaho ririko
riraja, kandi ntiryimirije gutuzwa. Aho hose abarundi b’umutima ntaco batakoze
kuva ico gihe n’ubu bakiriko kugirango riranduranwe n’imizi ariko ubutegetsi
bukisamaza ngo amakungu yoca aducira umukenke, ngo abavuga ko habaye ihonyabwoko
ngo n’abariko barwanya ubutegetsi.
Ubuho
rero vyabaye agahomera bunwa kuko uwutagirizwa ihonyabwoko nta jambo agifise mu
Burundi. Uwabuze, uwatotejwe, uwangajwe ubutungane ntibumunezwe, ubu asabwa
kwibagira no kugirira ikigongwe uwutakimusavye.
Uwagize ihonyabwoko nawe ubutegetsi bukiranira kumukingira, kumuronsa ico
cose ashaka. Uko umuntu abibona rero, inkire ntikira kabiri, ejo aho bukera
inteko z’abanyamahanga zigiye gushwiragizwa mu gihugu cose n’izo zizoterera
umuganda wo kumarira uwo wese yari yarokotse.
Mu
gihe amakungu yose yahagurutse akiyemeza gufatana mu nda mu gutuza abicanyi
n’abakoresha iterabwoba bose, abategetsi b’iwacu bahagurukiye kubasasira
indava n’ukubakingira ikibaba, na cane cane cane guturubika n’ugutoteza uwo
wese yiyemeje kurigwanya.
Icaha co kugurisha Intahe y’Uburundi.
Bashingantahe,
bapfasoni, rwaruka, s’ugushikuza mwese muribonera icese ko Intahe y’Uburundi
yamaze kurenzwa urugo, isigaye ibarizwa muri Tanzaniya canke muri Afrika
y’epfo. Abategetse b’iki gihe nta jambo bagishikiriza Atari iryo batamitswe
na Mandela canke na Dinka. Intahe y’Uburundi uasubiriwe na rwa rwandiko
bitirira amasezerano y’amahoro kuko rwambika izera abagirizwa ihonyabwoko.
Umukurambere Zenon NICAYENZI yaravuze ati : hari abantu bane batazibagera
bibagirwa mu Burundi : NTARE RUGAMBA yatwaguriye imbibe z’igihugu, LUDOVIKO
RWAGASORE yaturondereye kandi akaturonsa intahe y’ukwikukira, uwagurshije
Intahe y’Uburundi, n’uwuzoyitugarukanira mu Burundi.
Noneho
rusubiye kutwuzurirako ko amakungu yaturungitsemwo inteko z’abanyamahanga,
abategetsi bacu bakemeza icese ko abajejwe gucungera Uburundi n’abarundi ataco
bagishoboye. Twebwe turavyemera ko ataco bashoboye ? Bo baravyemanga canke
bazitamba uko zivugijwe ? Tweho turemeza ko ataco twoterera ? Bamwe twumva bita
ngo ni inkingi z’amahoro ku mitumba yose no mu makartiye yose, n’abo
kuduhuma amaso canke kudusamaza ? Ibibazo ni vyinshi ariko umengo vyatuvunye
inkokora kandi ubutigu bwageze. Italiki ya mbere munyonyo n’ejo, izosanga
twifumbereje canke twakuye amaboko mu mpuzu ?
3.
Icaha co
gushishitira umugambwe FRODEBU wagize ihonyabwoko.
Twibukanye,
iyo ikiza citwa partenariat kidatera mu Burundi, umugambwe Frodebu wari wahejeje
kuzimangana kuko urazi neza ko ariwo wagize ihonyabwoko, abavyeyi bagasigara
bifumbereje, abandi bagapfana intekera ku mutwe, bambaza nyaringa. Kuva ico gihe
n’abari babonye ko ubwabo buheze, baciye basubira kunaga amanyama arisesa kuko
bahetswe neza. Raporo yagizwe n’intumwa za ONU ikerekana neza ko Frodebu ari
yo yahekuye abarundi, yaciye iba akamizwe n’ingoma; noneho ngo hazoca haza
iyindi migwi yo gutohoza ivyerekeye ubwicanyi bwabaye mu Burundi, ivyoba
vyaramaze kwanikwa vyose bifutwe. Aho
ni tutahagabira, abana bacu bazoturira nabi.
Ishirahamwe
A.C. Génocide ryari ryaritwariye uwo mugambwe, naho ubushikiranganji bujejwe
ivyimanza nabwo nyene amaboko i mugongo, inomero ya dosiye murayibika ahadata,
bitebe bitebuke ruzocibwa, kandi nabo nyene harya baguma bacurwa.
4.
Gukingira ikibaba abagize ihonyabwoko.
Abagirizwa
ihonyabwoko ni benshi ngaha mu gihugu barazwi kandi nabo nyene bariyizi. Turavye
rero ingene ubutegetsi bubafata, ntawokekeranya ko batafatanije iryo shano. Ni
naco gituma bacurika bacurura bemerera abarundi ivyo batari bubarondere ahubwo
birukankanwa n’uko ivyaha n’uko ivyaha bakoze vyibagirwa canke bifutwa.
Yamara umengo ikinyoma kiriko kirabaherana, abo guhuma amaso ntibakiri benshi,
hasigaye hagoye ba nda yamuhahanze, bashira imikono ku masezerano yo kugurisha
igihugu, iruhande y’abiyemeje kuzogisiga ari umunyota.
Mbe
none ko abatari bake bazwi, n’ivyo bakoze bizwi kandi hariho abagiye
baravyandika, ntihageze ko dusezerana ico izo nzandiko zose tuzikoza ? Mu
minsi iza, amategeko yo kugirira ikigongwe c’agateganyo azosohoka imbere
y’ayo kugwanya ihonyabwoko, ashirweho igikumu, ntibuca bimera nka bimwe vyo
kuri Ntega na Marangara : abagize ihonyabwoko baciye biyita aba ONU ko
atawubakorako. N’ubu
n’ivyo buca bibi. Major BUYOYA yarabishikirije ati hazohanwa abazokora bene
ivyo vyaha inyuma y’ishikirizwa ry’ayo mategeko.
5.
Abategetsi
bubu bashigikiye ko amahoro I Burundi arondereshwa imipanga n’inkoho.
I
Burundi harahejeje gutsimbatara neza umugenzo w’uko uwo wese afise ico ashaka
gushikako ategerezwa kubicisha mu bigwanisho n’ugutikiza inganda. Ko mbona
urwaruka rugorewe mw’ibarabara ari rwinshi, urugorewe mu makambi rutaraza; abo
bose bakaba bagiye kubona bamwe babata mu biyigira canke babagize impfuvyi ari
bo bagiye kubagororoka bahegekewe n’abanyamahanga, ikizobabuza gufata imipanga
n’imihiro n’imihoro n’igiki ? Ubwo nibwo buryo buzoba burashe kugira nabo
bibukwe ko ari abavukagihugu.
6.
Intwaro
zishingiye ku macakubiri mu mice yose y’igihugu n’ukuryanisha abavukagihugu.
Nta
murundi n’umwe atazi ko mu Burundi hariho amoko. Ariko karashize ingani ngo
amacakubiri yizizire mu Barundi, abategetsi nabo bahagarare ku busunzu bw’inzu
bavyemange. Ni tube turitegura rero, ko ubushikiranganji n’ubundi buzi bwose
bwo mu Burundi bugiye kugaburwa ku moko, amashule, amabisi, amakartiye, imitumba
vyose bizohava biba uko nyene. Abarundi bazosigara ari bande ? Uburundi buzosigara ari ubwa bande ?
7.
Kudahana
ivyaha.
Ivyaha
bikorwa mu Burundi ni vyinshi cane. Kuva kuri Ntega-Marangara, nta caha
c’ubwicanyi kirigera gihanwa kiretse bamwe bamwe bo kuduhuma amaso, nakare ngo
umutindi ava mu bandi. Ico nico catumye ubwicanyi bwimonogoza mu Burundi. Ubuho
rero bibaye agahomerabunwa aho uwagirizwa ihonyabwoko ariwe ashingwa
gutunganiriza abamuciye mu myanya y’intoke. Ikizomubuza ko amumrira n’igiki
? Bitabaye ivyo, naho amtegeko abuza kwihanura, bizohava biba ivyo.
8.
Kubiba imbuto
mbi mu bavyeei no mu bibondo.
Muri
kino gihe umuvyeyi ntakironka ico afatira ko mu guha indero abana. Ubutegetsi
bw’ubu bwaramaze kubiba imbuto mbi mu bavyeyi no mu bibondo. Izo
mbuto mbi nazo ni izi :
- - amacakubiri y’amoko n’intara.
- - Ububeshi
- - Ubusuma
-
-
Ishari n’inzigo n’ayandi mabi yose ntadondaguye
9.
Abategetsi bubu barasuzuguje inzego z’igihugu.
Muri bino bihe umuntu abiravye womenga inzego z’igihugu ntaco zikimaze namba gushika no ku rwego rw’igisirikare. Umunyakazi nawe agize imana akaba afise aho atonda abanza kurondera uwomuha ikinyamakuru co ataco afise akora. Uwuzi kwitegereza, eka mbere hariho n’abateguye urwandiko, usanga uburundi bwarasubiye inyuma hafi incuro 50%. Nta rwego na rumwe rucitaho umunyagihugu ari naco gituma yugarijwe n’ubukene ari bwo soko ry’amabi yose mu gihugu.
10.
Kutaja hamwe n’ibihugu bibanyi mu kugwanya ihonyabwoko.
Ibihugu
vyo muri kano karere k’ibiyaga binini vyose bigeramiwe n’ihonyabwoko ,
nico gituma vyotegerejwe kuja hamwe bikarigwaniriza hamwe ako kabi. Arisko i
Burundi ntibigikunze kubera ubutegetsi buriho n’ubwo twumva bwimirije kuba.
Abagize ihonyabwoko mu burundi, muri Kongo no mu Rwanda nibo bagiye guhabwa
ubutegetsi i Burundi. Mwumva abihaye umugambi wo kurirwanya kandi bakawemanga
budaca baza kurigwaniriza ngaha iwacu ? Murumva rero ko tugiye gukoranirwa
ko n’ibihugu vyo muri aka karere. None dutere intambwe iyihe irengeye
gusemerera ?
Twokora
iki kugirango ivyo vyaha vyose bihanwe ubutagisubira ?
Ibimaze gukorwa si bike ariko ariko nitwaba tubona ko bitariko biracibwa mu gihugu, n’ugutera iyindi ntambwe. Ivyo vyaha vyose birazwi ariko vyose ntivyanditse. Harageze ko handikwa igitabu c’ibicumuro ubutegetsi bw’iki gihe bwakoze, abarundi bose umuto n’uwukuze akabimenya, tugatora mwo ayakwiye gushikanwa imbere y’intahe. Bitebe bitebuke umwe wese azokubitwa intahe mu gahanga. Uturorero ntituri kure : ba Pinochet, ba Milozevich, ba Hussein Habré n’abandi benshi bariko bakurikiranwa bazira intwaro y’agahotoro n’ihonyabwoko.
Concilie NIBIGIRA.
