http://www.cbinf.com/netpress.bi

REPUBLIQUE
DU BURUNDI
PA-PUISSANCE D'AUTODEFENSE-AMASEKANYA
Leta iguma itoteza abanywanyi ba PA-Amasekanya
Haraheze
amezi atandatu Leta yuzuyemwo Frodebu n'abapalipehutu izindura abajandarume
abapolisi n'abakuru b'amazone y'igisagara ca Bujumbura ngo baje mu mabarabara,
kuva isaha cumi na zibiri zo mu gitondo, babuze abanywanyi ba PA-Amasekanya
kugira sporo.
Uwo bafashe lero bibaza ko ari muri PA-Amsekanya baca bamupfunga bakamutangisha ihadabu ry'umurengera. Mu kwezi guheze hapfunzwe abantu icumi batanga ihadabu ry'amahera yegereye ibihumbi ijana. Kuri uyu munsi wa Mungu itariki ya 17/06/2001 bakaba bapfunze abantu batanu bariko bigirira sporo ngo nabo muri PA-Amasekanya.
Murazi
kandi ko PA-Amasekanya itashobora gushikiriza ivyiyumviro vyayo haba mu
kugirisha amanama canke kuvugira kw'iradiyo canke kuri televiziyo vy'Uburundi.
Ayo mabi yose akorerwa PA-Amasekanya akaba ari uko iguma ikoma induru
ivuga ko Leta n'inama yo mu Kigobe vyuzuyemwo abicanyi atakindi bipfuza atari
ihonyabwoko ry'Abatutsi vyovaho. Hakajaho intwaro irwanya ivyaha ivyarivyo vyose
n'ababigize abaribo bose.
Mu
gihe iyi Leta iturubika abanywanyi ba PA-Amasekanya iguma irungika Frodebu n'abo
bicuditse i Nairobi, i Tanzaniya, muri Afrika Yepfo kugira ngo bahure n'abandi
bige neza ingene bobandanya ihonyabwoko. Mukaba
muzi kandi ko ari abo bafrodebu-Cndd-Fdd na Palipehutu-Fnl badasiba kwiha
inkumbi mu gihugu hagati no mu gisagara ca Bujumbura .
Aha i Bujumbura baraza bakica abantu, inka, amahera, umuceri bakikorera,
bakigira, bukeye abajandarume, abapolisi n'abakuru b'amazone bakazinduka
gukubita no gupfunga abanywanyi ba PA-Amasekanya.
Abarundi
lero bashaka amahoro barakwiye kumenya ibikurikira
:
1.
Frodebu-Cndd-Fdd na Palipehutu-Fnl vyarakenyeye ngo biheraheze ihonyabwoko
ry'Abatutsi. Bisigaye bikoresha n'abajandarume, abapolisi n'abakuru b'amazone
ngo batuze abo bose bashaka kwanka iryo honyabwoko.
2.
Abarundi bategerezwa kuva hasi bakiyamiriza ubwo buyobe, aka karanda iyi Leta
yatuzaniye. Nayo ahandi ho ni
bemere babe ibinyaganwanka, babatware utwabo babona, babakoreshe mu guturubika
benewabo, babice nk'abana b'imbeba.
3.
Abakenyezi, abashingantahe n'urwaruka ni bave hasi bashigikire ivyiyumviro vya
PA-Amasekanya kuko inzira yafashe kuva mu 1996 iratomoye.
PA-Amasekanya ibandanya yiyamiriza ibiganiro atakindi birondera atari
kugirira ikigongwe abicanyi no kubandanya ihonyabwoko ry'Abatutsi.
4.
Abarundi n'amakungu bave hasi biyamirize intwaro yima ijambo abariko biyamiriza
indwano y'ihonyabwoko ariko igasasira indava abicanyi.
Intwaro iguma ihenda Abarundi ngo abicanyi bagira ihonyabwoko bazoteba
bibwire ko kugira ihonyabwoko ari bibi bahagarike indwano.
Nta bicanyi bagira ihonyabwoko bashobora kurihagarika na Leta
ibashigikiye ntibishobora.
5.
PA-Amasekanya iratumyeko Abarundi bose ngo bame bazinduka ku munsi wa Mungu
ntibemere ko Frodebu na Palipehutu bibabuza kugira sporo. Ntimutinye, uwuje muri
PA-Amasekanya aba asezeranye n'ubwoba.
Tuje hamwe, turwanye umwansi, ateshwe ate.
Bigiriwe
i Bujumbura, itariki 17/6/2001
PA-PUISSANCE
D'AUTODEFENSE-AMASEKANYA
Ir
RUTAMUCERO Diomède
PEREZIDA.
