http://www.cbinf.com/netpress.bi

REPUBLIQUE
DU BURUNDI
PA-PUISSANCE
D'AUTODEFENSE-AMASEKANYA
Barundi,
Barundikazi, ntimwemere ko N. Mandela na P. Buyoya babagurisha nk'intama.
Itariki
16/07/2001, umurwi G7 uvuga ko userukira Abahutu warandikiye Mandela umubwira
ivyo bashaka ko uwuzotwara Uburundi avuye muri G10, ategerezwa kwemera. Bimwe
bimwe muri vyo ni ibi :
1.
Ategerezwa gukuraho ivyo abo muri G10 basavye ngo vyongerwe mu masezerano y'i
Arusha.
2.
Ategerezwa kwemera ko azoha ubutegetsi uwuserukira G7 amezi cumi n'umunani
aheze.
3.
Ategerezwa kwemera ko azokwirikiza ivyanditswe mu masezerano y'i Arusha vyose.
4.
Ategerezwa kwemera ko urwaruka rw'Abahutu rugenywe n'umurwi G7 ruzokwiga mu
Burundi no mu mahanga,
ivyirwa Abahutu batemerewe kwiga, ubucamanza, umutekano, intwaro n'ivy'ubutunzi.
5.
Ategerezwa kwemera ko haza mu Burundi inteko zivuye hanze zitari munsi
y'ibihumbi bine (4.000).
6.
Ategerezwa gusaba izo nteko ONU, bunonyene akija ku butegetsi.
7.
Ategerezwa kwemera kwinjiza mu gisoda c'Uburundi abitwaje ibigwanisho.
8.
Ategerezwa kupfungura abo bose bapfungiwe ivya politike.
9.
Ategerezwa gukura muri Congo abasoda b'Uburundi.
Ivyo
ni bimwe bimwe biri muri iryo kete. Kandi
nivyo N. Mandela yaciye yemeza Petero Buyoya kugira amwemerere ko aguma atwara
Uburundi. Tubisanga mu bintu cumi
na kimwe Petero Buyoya yemereye Mandela itariki
12/07/2001 i Pretoriya imbere yuko amugena ngo abandanye atwara Uburundi.
Nkuko muza kuvyibonera ni ibintu vy'agacamutwe ku bantu ihonyabatutsi rya
Frodebu-Cndd-Fdd, Palipehutu-Fnl n'abandi bari kumwe rirondera.
Ivyo
bintu 11 Petero Buyoya yemereye N. Mandela biraboneka neza ko ari ivyo Frodebu
nabo birikumwe bashaka gushira mu ngiro kugira ihonyabatutsi rishike kuco
rishaka. Ivyo Petero Buyoya yemeye
rero ni ibi :
1.
Petero Buyoya ategerezwa gukurikiza atakivuyemwo ivyanditswe mu masezerano
yagiriwe i Arusha muri Tanzaniya mu kwezi kwa munani umwaka w'2000.
2.
Ategerezwa gushira muri Leta abaserukira imigambwe yose yashizeko umukono ku
masezerano y'i Arusha.
3.
Ategerezwa gusaba amakungu n'ibihugu bibanyi inteko zo gucungera amahoro mu
Burundi kugira zikomeze umutekano, zicungere abanyapolitike bakuru bakuru cane
cane abazoba bavuye hanze.
4.
Ategerezwa gusubiramwo igisoda cuzuyemwo Abatutsi, agishiremwo adatevye imirwi
yitwaje ibirwanisho n'Abahutu.
5.
Ategerezwa gukorana n'uwuserukira ONU ashinzwe impunzi no gusubiza iwabo
abahunze.
6.
Ategerezwa gucungera umutekano w'abakuru ba politike bose bazoba batashe mu
Burundi.
7.
Ariwe canke Leta yiwe ntibarekuriwe guturubika abatashigikiye politike yiwe.
8.
Ategerezwa gupfungura abanyororo bose bapfungiwe ivya politike.
9.
Ategerezwa gukorana neza na komite ishinzwe ivya amasezerano y'i Arusha.
10.
Aremeye kuva ku butegetsi inyuma y'amezi cumi n'umunani.
11.
Ategerezwa gusubira kwemeza ivyo vyose mu nama izobera i Arusha itariki
23/07/2001, hanyuma N. Mandela abishikirize ONU.
Murabona
rero ko aho ibintu bigeze bikomeye. Ayo masezerano yemeye gushira mu ngiro ni
yayandi twiyamiriza, twababwira ko akumira abarwanya ihonyabatutsi bose, yemeza
ko ataryabaye, yambika izera abagize abarigize.
Amasezerano ashaka ko abo bagize iryo honyabatutsi aribo batwara inzego
zose z'igihugu. Amasezerano ashaka
ko Uburundi busubira gutwarwa n'abanyamahanga. Amasezerano ashimikiye kuvangura
amoko.
Abo
bavuga ngo bapfungiwe ivya politike bategerezwa gupfungurwa, abo banyapolitiki
bategerezwa gucungerwa n'abo bavuga ngo binjize mu gisoda ni bamwe biyemeje
kugira ihonyabatutsi kuva mu 1993 n'ubu bakiribandanya. Izo nteko zizoza mu
Burundi zizoba zije gufasha abo bagira ihonyabatutsi kuko nibo bazisavye.
Abarundi
batasavye, batemeye ivyo bintu cumi na kimwe, urwaruka, abashingantahe
abapfasoni, abasoda n'abataribo, bategerezwa gukenyera zikaguma kugira barwanye
ivyo bintu birondera agatwe kabo. Bategerezwa
kwerekana ko ari Abarundi bahagurukanye ubugabo barikukira, bahabishijwe,
ntibahababuka.
Abarundi
batemeye amagaburanyama yíi Arusha bakunda Abarundi gusumba inda zabo
bategerezwa kumera amagabo bagakoresha uburyo bafise kugira barwanire ukubaho
kwabo.
Abagize
ihonyabwoko, abagurisha Uburundi, abakunzi b'inda bazogira ivyo bishakiye kubera
ari twebwe tubishatse. Tutabemereye
ntaco bazoshikako. Ngo "imfyisi
itora mu rwangara" kandi ngo
"iya kuriye ntuyigera
inkoni".
Tuje
hamwe - Turwanye umwansi - Ateshwe ate.
Bigiriwe
i Bujumbura, 17/7/2001
PA-Puissance
d'Autodéfense-Amasekanya
Ir.
Rutamucero Diomède
Prezida.-
