http://www.cbinf.com/netpress.bi

ITANGAZO
N° 002/2001 RY’AMASENDIKA YOSE
YO
MU BURUNDI
DUHAGARIKE
KUNYWA IBINYOBWA VYA
BRARUDI
Bakozi,
Barundi mwese,
Amazi
yamaze kurenga inkombe.
Umuntu
asigaye arara atubitse umukanda mu nda kubera agashahara ari gato ibiciro navyo
bikaguma biduga urutavanako. Inzara ntisiba kwiha inkumbi.
Ubu
naho Leta yasubiye kwiha amenyo y’abatwenzi mu kuduza ibiciro kandi izi neza
ko umunyagihugu ataco agishoboye gusuma.
Abaserukira
abakozi mu ma Sendika yemewe mu BURUNDI barakoranye
itariki
Baciye bumvikana ibi bikurikira
:
1° Baremeje ivyashikirijwe mw’itangazo riheruka gusohorwa
n’Ishirahamwe
mpuza
masendika COSYBU.
2°
Barashigikiye igikorwa cose coza kigarukana amahoro n’umutekano mu
3° Bariyamirije ingingo Leta iheruka gushinga y’iduzwa ry’ibiciro
mu gihe
Muri
ico kibanza bobo bari biteze iduzwa
ry’umushahara n’igabanywa
ry’amakori ku mishahara.
4°
Barahakanye uruhendo ngo iryo duzwa ry’ibiciro rije gufasha kugarukana
5° Ku bwabo, hamwe abarongoye iki gihugu bokwihangana bakagabanya
ingende
zo
mu Mahanga z’urutavanako bakongera bagasubiza mu kigega amafaranga
yasahuwe,
ayo mafaranga yoheza agafasha bimwe biboneka mu kugarukana
amahoro n’umutekano.
6°
Bisunze ingingo ziheruka gushikirizwa n’Ishirahamwe mpuza Masendika
Guhagarika kunywa ibinyobwa vya brarudi mu minsi itanu kuva ku
Mbega
umurwayi ari ku mpfiro yakamye amaraso arashobora gusabwa ayo maraso nyene
abuze? Ntaho ryari bwaboneke !!!
Fatane
mu nda mwese mu gihugu cose mubikurikize ata numwe yidohoye.
Bigiriwe
i Bujumbura, itariki 16/05/2001.
ABAKURU B’AMASENDIKA YEMEWE MU
BURUNDI
