
|
|
|
|

|
IJAMBO
RISHIKIRIJWE N’UMUKURU
W’UMUGAMBWE W’ABADASIGANA KU WA 13 GITUGUTU 2001
|
BARUNDI,
BARUNDIKAZI,
BADASIGANA,
RWARUKA,
Igenekerezo
rya 13 Gitugutu, kuva 1961, uri mu minsi y’intibagirwa mu Burundi, haba ku
Badasigana canke ku bandi Barundi badahurikiye mu mugambwe UPRONA, eka no kuri
uwo wese yitaho kahise canke kazoza k’Uburundi.
Kukaba
nkako, kuri iryo genekerezo rya 13 Gitugutu, ata n’amezi abiri ararangira
Abarundi bahejeje kwereka amakungu ko bahagaze inyuma y’ishaka ry’umugambwe
UPRONA ryo guhabuza ata
kudidinganya intahe y’Uburundi, inyankaburundi zaciye zikora ibara zirahekura
Uburundi, ziragandagura umuganwa LUDOVIKO RWAGASORE.
Ariko
nk’uko babivuga mu Kirundi “uta inkoko ntuta ico ibitse“. Iryavuzwe
ryaratashe, naho twari mu maganya no mu marira, twarikukiye.
Uyu
munsi rero twibuka imyaka 40 irangiye bagandaguye incungu y’Uburundi, ni
umunsi w’umubabaro ku barundi bose, baba abashigikiye ivyiyumviro vya
RWAGASORE canke abo bahiganywe; intahe yaziye bose. Akaba ari naco gituma, naho
ari umunsi w’umubabaro, ni n’umunsi w’ukuzirikana, wo gukubita agatima
mpembero, tukagereranya, tukaraba ico RWAGASORE yapfuye azira, iragi yadusigiye
ko tukibigendera.
Ni
twaba tukibigendera, tuvyumeko, tubikomeze. Tukaba twarabidohotseko, niwo mwanya
wo kwikebuka, tukisubiza umutamana yasize atwambitse.
Turavye
rero ibihe Uburundi bugezemwo, si agaseseshwarumuri ko intahe RWAGASORE
yaharaniye isigaye imeze nk’agati kasigaye mu muyonga. Kukaba nkako, haba
ngaha iwacu canke mu bindi bihugu, igihugu cikukiye kigira imbibe kikazicungera,
gitewe kikivuna, kigatunganya intwaro, kigaharanira ubumwe n’amahoro vyo
nkingi y’iterambere. Ivyo ni vyo RWAGASORE n’abarundi bamwitavye baharanira.
Ikibazo
twokwibaza rero uyu munsi ni iki : muri
iyo migambi RWAGASORE yaharaniye, akanayipfira, Uburundi bugeze he mu kuyishira
mu ngiro muri iyi myaka 40 tugira turumye turonse intahe yo kwikukira?
Kuva
RWAGASORE adupfiriye, intwaro zitari nke zaragiye zirabisikanya; mu gihe kimwe
tukagira amahirwe, mu kindi gihe ubumwe bugahungabana, igihugu kikagwa mu kaga,
ikiza n’isibe bigasinzikaza Uburundi n’Abarundi.
Turavye rero ibiriko biraba mu Burundi, kuva mu 1993 umugambwe FRODEBU wiziziye
intwaro, ni agahomerabunwa. Uburundi bwarinjiranywe n’ubutindi n’akaranda,
igihugu cizizirwa n’umugera w’amacakubiri n’ihonyabwoko . Nta n’umwe
atavyibuka, kandi umugambwe w’abadasigana wari wasemereye, uraburira abarundi,
uratabaza n’amakungu, kugirango Abarundi babe maso ibara ntirigwe. Ivyo vyose
vyabaye impfagusa, Abarundi tuba nka ya mpongo yapfa yaburiwe.
Umugambwe FRODEBU warashize mu ngiro imigambi yawo yo guturira Uburundi mu kwica
Abatutsi n’Abahutu bayihakaniye gukurikira uwo mugambi wo gusesa amaraso
y’abonse rimwe, basangiye ugupfa n’ugukira kuva isi ikiremwa n’Uburundi
bukironka iryo zina.
Ivyo rero vyatanguye umugambwe Frodebu ugikorera mu kinyegero, birabandanya aho
wemerewe gukorera ahabona n’amategeko dusemerera.
Akamaramaza n’ibara vyadutse muri gitugutu mu 1993, aho aba Frodebu na ba
somambike babo, bitwaje ngo umukuru wabo yapfuye, nkuko wamengo ntiyari
uw’Abarundi bose, birara mu Badasigana cane cane, bahitana abato n’abakuze,
abatama n’abatamakazi, inzoya n’inda ziri mu nda, baraca imitwe, inzoya
barasekura, bakabata mu tuzu twa surwumwe, baraturira amazu, imirima
n’ibitungwa, baratema, baratongora...
Abacitse kw’icumu bomorerwa mu buhungiro aho inzara n’inyota, imbeho
n’igikonyozi bibatundira ijoro n’umurango, bapfuye basegerereza kandi bavuye
mu zuzuye.
Ivyo rero vyabaye mu ntara zose. Ntaworinda kuvuga ivyabereye mu nderabigisha yo
mu Kibimba, aho abitwa ngo ni abarezi bo muri Frodebu, barongowe n’umuyobozi
w’iryo shule, baturira ibibondo igihugu cari cabashinze kurera. Ntawosubira
kurinda kudondagura za Butezi, Bugendana, Teza, Ryansoro, Rukina, Rutegama,
Rango, Buta, n’ahandi tutarinze kuvuga... Abahitanywe n’iryo honyabwoko,
hamwe n’abagorewe mu buhungiro batagira Shinge na Rugero, bashika hafi
umuliyoni.
Kuva muri ico gihe, Abadasigana n’Abarundi batari bake barakomye induru,
barasemerera, ariko barabura uwo batura amarira. N’aho umurwi urungitswe
n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU gutohoza iryo shano werekanye neza ko iryo
shano ryagira umugambwe Sahwanya, abategetsi b’Uburundi baranse kuwushengeza
ngo uje imbere y’intahe, ucibwe urubanza, ufutwe nk’uko vyashikiye iyindi
migambwe yo mu bindi bihugu yakoze ihonyabwoko nk’iryo.
Mu 1996, aho Petero Buyoya agarukiye ku butegetsi, abwira Abarundi ngo aje
gukura Uburundi ku manga bene FRODEBU babushizemwo, agahenda Abarundi ngo
agarukanywe n’ukubaronderera vy’ukuri amahoro, ngo nta nteko zizigera
zihonyora mu Burundi kuko bufise abarundi b’umutima n’abasirikare bakwiye bo
kubukingira, akirukana Ntibantunganya na Nduwayo abagiriza ko vyabananiye
kugarukana amahoro n’umutekano, kandi bagiye i Arusha gutaka inteko
z’abanyamahanga, Abarundi batari bake, na cane cane Abadasigana bariruhukije,
bati ashii! Bati Uburundi bwoba bugira busubire kuba Uburundi nyakuri,
bwogorore.
Ihibambewe!!!
N’ubu amaso aracaheze mu nzira . Aho gushengeza FRODEBU yagirijwe icese ko
ariyo yateguye kandi ikagira ihonyabwoko, Buyoya yayigize inkingi y’inzego
nshingwantwaro mu vyo yise umugambi w’amahoro yagiye kuronderera ARUSHA muri
Tanzaniya. Ibi ntawobirandirako, twaragiye turashikiriza amatangazo yo
kuvyiyamiriza; Abarundi benshi baradushigikiye naho Leta iguma ibazigitira muri
iyo nzira y’urupfu.
Si
ivy’imbeshere rero , mwese murabona ko ico ciswe umugambi w’amahoro cahavuye
gihinduka indava isasirwa abagize ihonyabwoko. Mu gihugu cose Umurundi asigaye
ari sindamuka, sinirirwa. Nta joro, nta mutaga bicijana ya migwi Frodebu,
F.N.L., Palipehutu, CNDD/FDD itisasiye inganda. Leta nayo ngo nyabuna abo
ntimukoreko nibo ncuti mfise, ngo ni nabo bazokingira abategetsi n’inzego
zirongoye igihugu.
Ubu
noneho, ico Abarundi bari bamiriye kure, ni co casubiye kwaduka. Buyoya n’abo
bacuditse birigwa kurarika inteko z’abayamahanga kumwe kwa Ntibantunganya mu
1996. Ico Abarundi batohendwa ko ni uko uko gusaba inteko atari ugushaka gukiza
igihugu n’intete. Ni ingingo ijanye na wa mugambi wa FRODEBU n’abafasha bayo
wo kubandanya ihonyabwoko, cane cane babanje gusambura urwego rw’intwaramiheto
z’Uburundi, ejo ntihazogire igitabara.
Ku
vyerekeye ivy’ubutunzi, igihugu kigeze aho umwansi ashaka; kiri mu nyenga.
Yaba umurimyi, umukozi wa Leta, canke w’amashirahamwe n’amahinguriro
yegamiye Leta, eka mbere n’abikorera utwabo batari bake abayeho uno munsi
ntamenya ingene azobaho ejo.
Ivyo
vyose bikava ingene igihugu gitwawe nabi, Leta itanezwe namba kurazwa ishinga
n’ineza n’ubuzima bw’abanyagihugu. Ibiciro ku masoko biduga ku munsi, biba
ibinyobwa, biba ibiribwa twihingurira iwacu.
Ikitavuzwe
co ni ibiciro vy’imiti bituma ingwara z’ubwoko bwose zisasika inganda.
Amahera n’ibiciro vy’ibikoresho vy’ishule bituma ishule yabaye
iy’abakire, nciyaho nawe akazokwama mu muzimiza w’ubujuju. Amakori
n’amataxe ni ko kw’uko, asigaye ari umurengera, kandi utabona namba ico
afasha abayatanga. Ahanini aguma mu mipfuko y’bayatoza, kuva ku mukuru gushika
ku muto. Ugusesagura n’ukwiba ikigega canke ayandi matungo y’igihugu
vyahindutse ihiganwa n’ubuhizi.
Mu
ncamake, bamwe Rwagasore yararikira Abadasigana ngo biyamirize, aribo
imihimbiri, ibisuma n’abambuzi, ni bo bagariye mu nzego z’igihugu.
Ivyo
ni vyo Abarundi, na cane cane abadasigana, bategerezwa kwumva, bakavyamirira
kure, bagatera ivyatsi intwaro yavyadukanye n’ababishigikiye; niho bazoba
bahagarariye vy’ukuri iragi ry’Umuganwa LUDOVIKO RWAGASORE.
Barundi,
Barundikazi, Badasigana,
Rwaruka;
Dusubire twibukanye ibikuru bikuru Umugambwe w’Abadasigana UPRONA utegerezwa gukora kugira igihugu cacu gisubire kugira iteka.
I.
ICO UMUNTU WESE ATEGEREJWE KUMENYA :
1.
Ikibazo nyamukuru casinzikaje Uburundi, ni inyigisho n'ububisha
bw'ihonyabwoko. Ako karanda ni ko gategerezwa kwicarirwa imbere ya vyose,
kakaranduranwa n'imizi.
2.
Amacakubiri
y'amoko hamwe n'ihonyabwoko si ivyiyumviro vya politike. Ni
ivyaha ruhonyanganda bivumwa n'isi yose. Mu Burundi rero si ho
vyorenzwako uruho rw-amazi , gushika n-aho vyiganza.
3.
Nta gihugu na kimwe gishobora kuramutswa umugambwe wamaze kwagirwa
n'icaha c'ihonyabwoko. Abarundi bose baravyiboneye . Ishirahamwe mpuzamakungu
ONU riravyemeza muri raporo S/1996/682 yo ku wa 24 Nyakanga 1996, ko umugambwe
Frodebu n'abafasha bawo bagiriwe n'icaha c'ihonyabwoko. Kurya umugambwe
"MRND" wo mu Rwanda rwa HABYALIMANA n'umugambwe "NAZI" wo mu
Budagi bwa HITLER yafuswe, ni ko Frodebu itegerezwa gufutwa , gutuzwa
n-ukuranduranwa n-imizi.
4.
Mu Burundi amahoro yamye ahungabanywa n'imirwi yagize ihonyabwoko ubuhizi
hamwe n'intwaro ziri gito ziyishigikira. Inyigisho z'ihonyabwoko hamwe n'imirwi
yarikoze bitaranduranywe n'imizi, nta mahoro azoboneka mu Burundi. Igihe
ihonyabwoko rizoba ririko rirarwanywa bimwe biboneka, ni ho n'izindi nkozi
z'ikibi zizoshobora guhanwa, intahe n'ingingo bigasubira kwubahirizwa mu
Burundi.
5. Icaha c'ihonyabwoko ntikizimangana kandi ntikigirirwa ikigongwe. Naho intwaro ya Petero BUYOYA yagerageje kwisamaza no gusamaza Abarundi n'amakungu kugira ngo ico caha cibagirwe , nihaboneka Leta ikunda igihugu, Uburundi buzoronka Sentare Mpuzamakungu ihasha ihonyabwoko, nk'uko n'ibindi bihugu vyagowe nk'uku kwacu vyatevye bikayironka.
II.
IMIGAMBI IZORANGURIRWA MU BURUNDI :
6.
Gushinga intwaro n'izindi nzego z'igihugu zubahiriza ukwikukira
kw'Uburundi,amateka n'amategeko y'Uburundi, amasezerano y'Ubumwe bw'Abarundi,
amategeko hamwe n'amabwirizwa mpuzamakungu.
7.
Guhagarika ubwicanyi bw'ihonyabwoko n'ubundi bwicanyi bwose bwasinzikaje
igihugu c'Uburundi n'ibindi bihugu biri muri aka karere. Ubwo bwicanyi buzotuzwa
ari uko abakoze ivyo vyaha bamenyekanye kandi bagahanwa hamwe n'ababatumye, yaba
imigambwe canke ayandi mashirahamwe; igihugu n'amakungu babiyamirize, kandi bene
iyo migambwe n'ayo mashirahamwe asamburwe, amayira yayo azibirwe, kugirango
ntibisubire kuvugwa mu Burundi no muri ibi bihugu.
8.
Gukomeza urunani rw'intamenwa mu kurwanya ihonyabwoko
kuko ata Murundi n'umwe atasinzikajwe n'ako karanda. Urwo rugamba
tuzorukomeza dufatanye mu nda. Aho kuryanisha Abarundi, urugamba rwo kurwanya
ihonyabwoko rutegerezwa kuba urwo kubavukanisha.
9.
Kurandurana n'imizi inyigisho z'ihonyabwoko, kugira ngo
politike yose y'igihugu yame yisunga ko ihonyabwoko n'inyigisho bijanye
ari ikizira kikaziririzwa mu Burundi. Uko ni ko amategeko n'amabwirizwa
mpuzamakungu abitegekanya.
10.
Gushinga amategeko aringaniza ingene imanza zihasha ihonyabwoko zicibwa
mu Burundi.
11.
Gushinga itegeko rihana abakora mu nkovu beneburundi mu guhakana
ko mu Burundi habaye ihonyabwoko, co kimwe n'abafata minenengwe ayo
mahano.
12.
Gushinga amategeko ashira mu ngiro akongera akubahiriza AMASEZERANO
Y'UBUMWE BW'ABARUNDI.
13.
Gusubiza ijambo Abarundi bose , cane cane abashingantahe bamize akabuye
k-abagabo baba mu gihugu canke mu mahanga,
kugira ngo bumvikane ku bibazo nyamukuru bibangamiye Uburundi, bavyumve
co kimwe, bongere bumvikane bo nyene ku vyerekeye amabanga y-intwaro mu gihugu
bisunze intahe n'ingingo.
14.
Gushinga ingingo ntabanduka zizokwama zigenga intwaro rusangi nyakuri
ibereye Uburundi n'Abarundi , zihereye mu kwamira, mu gutuza inyigisho
n'ubwicanyi ubwo ari bwo bwose mu mvugo no mu ngendo y-abaharanira ubutegetsi.
Izo ngingo nizo zizoba ishingiro ry'amasezerano ntabanduka kandi ngenderwako
atunganya intwaro n'ayandi mabanga yose y'igihugu.
15. Gushinga amategeko agenga abaharanira ubutegetsi mu gihugu, kugira ngo uwo mwuga ntusubire kuba ikuburiro rihuriramwo inkozi z'ikibi, abicanyi, imihimbiri n'abambuzi.
III.
IMIGAMBI TUZOFASHANYA N'IBIHUGU DUHANA IMBIBE :
16.
Gushira igikumu ku masezerano y'i LUSAKA atomora neza ingene imirwi ikora
icaha c'ihonyabwoko ituzwa mu bihugu vyo muri aka karere.
17.
Kurarika canke kwitaba inama, gufata canke gukurikiza ingingo zerekeye
kwihaniza no kurwanya ihonyabwoko n'ayandi mabi abangamiye ibihugu duhana
imbibe.
IV.
IMIGAMBI TUZOFASHANYA N'AYANDI MAKUNGU :
18.
Kurarika Abarundi, ibihugu duhana imbibe n'ayandi makungu ngo dufatanye
kurwanya ihonyabwoko hamwe n'ibindi vyaha vy'agahomerabunwa.
19.
Gutera igikumu ku mabwirizwa mpuzamakungu yose arwanya akongera akihaniza
ihonyabwoko. Ivyo bijana n'amategeko yunganira ayo mabwirizwa mu gihugu.
20.
Gushira mu ngiro ingingo zapfunditswe muri raporo S/1996/682 y'umurwi wa
ONU waje gutohoza ubwicanyi n'ihonyabwoko vyabaye mu Burundi kuva muri Gitugutu
1993.
21.
Gusaba dushimitse kandi tutarambirwa Sentare Mpuzamakungu izocira imanza
abagize ihonyabwoko mu Burundi.
22.
Gushinga ibiro bijejwe kurereka no gutuza inyigisho n'imirwi irangwa
n'ihonyabwoko.
23.
Gutohoza ubwicanyi n'ibindi vyaha vyose vyasinzikaje Uburundi , kugira
ngo abagirizwa ivyaha bose bace imbere i-intahe.
Turabipfurije
Umunsi mukuru mwiza.
Ni
tugire amahoro n’Umugambwe w’Abadasigana UPRONA.
UMUKURU
W’UMUGAMBWE W’ABADASIGANA
Karoli MUKASI
