IKETE KU MUNYAMABANGA MUKURU WA ONU,

KOFFI ANNAN.

========

Twebwe Abarundi twiboneye ihonyabwoko ry’Abatutsi ryagizwe na Frodebu kuva mu kwezi kwa gitugutu 1993, iryo honyabwoko na ONU ikaba yaraje kuryirabira kandi ikaryemeza muri raporo n° S/1996/682 :

1.Dusavye ONU ko yokurikiza Amasezerano Mpuzamakungu yo gukinga no guhana Icaha c’Ihonyabwoko, yashizweko umukono mu 1948, kandi n’Uburundi bwemeje ;

2.Dusavye ko ONU yogira uko ishoboye kose kugira izibire inzira zose Frodebu ishaka gucamwo kugira iheraheze ihonyabwoko ry’Abatutsi ;

3.Dusavye ko ONU itokwica amatwi ngo yirengagize induru Abarundi bariko barakoma biyamiriza ihonyabwoko, nkuko yabigize mu Burundi mu 1993, mu Rwanda mu 1994 no muri Sierra Léonne mu 1999. Twizigiye ko akarorero kabi ko muri Sierra Léonne na Foday Sankoh, ko kudahana abagize ihonyabwoko, kobera icirwa kidakwiye gusubira mu Burundi no mu makungu;

4.Frodebu n’abo birikumwe bagize kandi bagira ihonyabwoko dusavye ko ONU yobafata co kimwe n’abandi bagize ihonyabwoko ahandi (Ubudagi n’Urwanda) ikabahana yivuye inyuma.

5.Dusubiye kumenyesha ONU ko twanse kwicarana n’abagize, kandi babandanya iryo honyabwoko kandi ko ata muntu numwe aduserukira i Arusha ;

6.Turabona ko gushika ubu, ONU, Amakungu ari Arusha , Leta y’Uburundi yuzuyemwo Abafrodebu badashaka kumviriza Abarundi bacitse kw’icumu ry’ihonyabwoko,batubwira ko bazokoresha uburyo bwose bushoboka kugira batwemeze amasezerano azova mu biganiro vy’i Arusha vyambitse izera Frodebu-Cndd, Palipehutu, Frolina, Interahamwe, ex Far bagiraihonyabwoko mu Burundi ;

7.Turamenyesheje ONU, Amakungu ari Arusha na Leta y’Uburundi ko natwe tuzokoresha uburyo bwose bushoboka kugira twanke ayo masezerano azoba yambitse izera Frodebu n’abo barikumwe.Abarundi ntidushobora kwemera amasezerano mabi batwemeje ku nguvu no ku kagobero, akamira mu coze abagize icaha c’ihonyabwoko.

8.Turasubiye gusaba ko imbere ya vyose ONU yodufasha kugira Frodebu n’abayitwara bacirwe urubanza rukwiranye n’icaha c’ihonyabwoko bakoze, niyo nzira yonyene ishobora kuzana amahoro mu Burundi.

9.Turasavye ONU n’amakungu ko bofasha Abarundi kugira intwaro ishigikiye ikongera ikanyegeza ihonyabwoko ry’Abatutsi ryagizwe na Frodebu mu 1993 kandi rikibandanya ivaho.Hajeho Leta ihana ivyaha ikurikije amategeko mpanavyaha y’Uburundi n’amakungu.

10.Twemeza ko Abarundi, Abatutsi, Abahutu, Abatwa, Abaganwa n’abandi ata caha bakoze aribo boja inama y’ingene Uburundi bwotwarwa. 

Iri kete murirungikiwe n’abaserukiye Abarundi bacitse kw’icumu ry’ihonyabwoko n’abatemeye ko ico caha c’ihonyabwoko Frodebu yakoze mukirenza ko uruho rw’amazi.

Bigiriwe, i Bujumbura le 21/05/2000.


 
 

Précédent